5 Hārih’ umuntu yar’ afise indwara ayimaranye imyaka mirongwitatu n’umunani.
5 Umwe muri bo, yari amaze imyaka mirongo itatu n’umunani arwaye.
Hār’ umuntu yaremaye ibirenge uhereye kuva mu nda ya nyina, yama aterurwa, bakamushira kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza uko bukeye, kugira ngw asēge abinjira mu rusengero.
Umugore arwaye ubutinyanka, yar’ abimaranye imyaka cumi n’ibiri, yamariye utwiwe twose ku bavūzi adutangamw’ ingemu, ntihāgira ūshobora kumukiza,
Yesu abaza se, at’ Amaze igihe kingana iki bimutera birtyo? Aramwishura, at’ Uhereye mu bgana bgiwe.
I Lusitira hār’ umugabo yar’ aremaye ibirenge uhereye aho yakaviriye mu nda ya nyina, nta ho yari yarigeze gutambuka.
Non’ uyu, ar’ umukobga wa Aburahamu, yaboshwe na Satani iyo myaka cumi n’umunani yose, ntakwiye kubohorwa iyo ngoyi ku musi w’isabato?
asangay’ umuntu yitwa Ayineya, yar’ amaze imyaka munani avunda mu buriri, kuko yari yaramugaye.
Arikw arahita, abona umuntu yavutse ar’ impumyi.
Hanyuma y’ivyo Yesu amubona mu rusengero, aramubgira, ati Rāba wakize; ntugasubire gukora icaha, kugira ngo ntuz’ ubone ibiruta ivya mbere.
Kuk’ uwo muntu yar’ arengeje imyaka mirongwine avutse, uwakozwekw ico kimenyetso co kumukiza.
arikw icatumye abona ubu, ntitukizi, kandi n’uwamuhumūye, tweho ntitumuzi. Mumwibarize, n’umugabo, arivugira.
Kuko rimwe‐rimwe umumarayika yamanuka aja muri kino kidengeri, akazīkurura amazi. Maz’ uwītangiye gutambukiramwo, amazi azīkurutse, ni we yakira indwara yamufashe iy’ ari yo yose.]
Yesu amubonye aryamyeho, kand’ amenye kw amaze igihe kirekire, aramubaza, ati Wumva ugomba gukira?