42 ariko mwebge ndabazi yuko mutagira urukundo rw’Imana mu mitima yanyu.
42 kuko ndabazi, ndazi ko ata gukunda Imana kuri mu mitima yanyu.
Umuntu ni yavuga, ati Nkunda Imana, akanka mwene Data wundi, aba ar’ umubeshi. Kuk’ ūdakunda mwene Data yabonye ntashobora gukunda Imana atābonye.
Arik’ ūfise ibintu vyo mw isi, akabona mwene Data wundi akennye, akazitira imbabazi ziwe kur’ uyo, mbeg’ ugukunda Imana kwoguma muri we gute?
Ntimugakunde isi, cank’ ibiri mw isi. Umuntu ni yakunda isi, ugukunda Data wa twese ntikuzoba kuri muri we.
ntiyarinda ko hogira ūshingira intahe ivy’ umuntu, kuk’ ubgiwe yar’ azi ibiri mu muntu.
Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.
Kuko kwitwaririka ivy’ umubiri gutera kwanka Imana, kuko kutumvira ivyagezwe n’Imana, kandi kudashobora kuvyumvira.
Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.
yamara ntimumuzi, ariko jewe ndamuzi. Kandi ni navuga ngo sindamuzi, nzoba mbaye umunyabinyoma nkamwe: ariko ndamuzi, kandi nitondera ijambo ryiwe.
Uw’ Imana yumva amajambo y’Imana; mwebge igituma mutumva, n’uko mutar’ ab’ Imana.
Yesu arababgira, at’ Iy’ Imana iba ari So, muba munkunda, kuko jewe naje mvuye ku Mana; sinaje nitumye, ariko ni yo yantumye.
Mwoshobora kwizera mute, ari mwebge mwubahana, arikw icubahiro kiva ku Mana imwe nsa mutakirondera?
Arababgira, ati Mwebge mugomba kwiyerekana nk’abagororotse mu maso y’abantu, arikw Imana irazi imitima yanyu: kukw igishizwe hejuru mu bantu ar’ igisesema mu nyonga z’Imana.
Singomba gushimwa n’abantu,
Jewe naje mw izina rya Data, ntimwanyakīra: ni hagira uwundi aza mw izina ryiwe ubgiwe, we muzomwākīra.