Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 5:40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 ariko mukanka kuza kuri jewe ngo muronke ubugingo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 yamara ntimushaka kuza aho ndi ngo muronke ubwo bugingo.

Gade chapit la Kopi




Yohana 5:40
23 Referans Kwoze  

Uku ni kwo gutsindwa, kuk’ umuco waje mw isi, arikw abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kukw ibikorwa vyabo ari bibi.


yaje mu vyiwe, arikw abiwe ntibāmwākiriye.


Ico Data ampa cose kiranshikīra, kand’ uwoza kuri jewe sinomuhinda na gatoya.


Ewe Yerusalemu! Ewe Yerusalemu! Wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda!


Kandi Mpwemu bo na wa mugeni barahamagara, bati Ngwino. Kand’ uwumva n’ahamagare, ati Ngwino. Kand’ ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’ubugingo ku buntu.


Ingero y’icaha n’urupfu; arikw ingabire y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.


Kukw iki ari co Data agomba: agomba yuk’ ūbona Umwana wese akamwizera, agira ubugingo budashira, nanje nkazomuzura ku musi w’iherezo.


Ntimukorere ivyo kurya biyoka, ariko mukorere ivyo kurya bihoraho bizana ubugingo budashira, ni vyo Umwana w’umuntu azobaha, kukw ari we Imana Data yashizekw ikimenyetso.


Mbeg’ aho naza, n’iki catumye ntagira uwo ndahasanga, ngahamagara, ntihagire uwitaba? Mbeg’ ukuboko kwanje kwabaye kugufi ngo kunanirwe gucungura? Canke se nta bubasha mfise bgo kurokora? Ereg’ iyo nkankamiye ikiyaga ndagikamya, inzūzi ndazihindura ubugaragwa; amafi yari muri zo aranuka, kukw ata mazi ariho, yatikijwe n’inyota.


Uku ni k’Uhoraho agize, Umucunguzi wa Isirayeli, Uwera wiwe, abgira umwe abantu bakēngēra, uwo ihanga ryanka urunuka, umushumba w’ abaganza, at’ Abami bazobirāba bahaguruke; bo n’abaganwa, bakome amashi; kubg’ Uhoraho umwizigirwa, ni we Wera wa Isirayeli yagutoranije.


Arikw abantu banje ntibanyumviye; Abisirayeli baranyikunkumura.


Mwoshobora kwizera mute, ari mwebge mwubahana, arikw icubahiro kiva ku Mana imwe nsa mutakirondera?


Atuma abagendanyi biwe, ngo bahamagare abātōrewe gutaha ubukwe, banka kuza.


Mwebge murasesa mu vyanditswe, kuko mugira ngo muri vyo ni ho mufise ubugingo budashira, kand’ ari vyo binshingira intahe,


Singomba gushimwa n’abantu,


Igisuma ntikizanwa n’ikindi, atar’ ukwiba, n’ukwica, n’ugutikiza; nanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busāgutse.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite