Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 5:39 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Mwebge murasesa mu vyanditswe, kuko mugira ngo muri vyo ni ho mufise ubugingo budashira, kand’ ari vyo binshingira intahe,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe,

Gade chapit la Kopi




Yohana 5:39
51 Referans Kwoze  

Atangurira kuri Mose no ku bāvugishwa n’Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we.


Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.


Arikw abo bo bār’ imico myiza kuruta ab’i Tesalonike, kuko bākiriye ijambo ry’Imana n’umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yukw ivyo ar’ivy’ ukuri.


Yesu arabishura, ati Mwarazimiye, ko mutāmenye ivyanditswe n’ubushobozi bg’Imana.


Ni murondere mu gitabo c’Uhoraho musome: nta na kimwe co mur’ ivyo kizobura, nta kigore kizobura ikigabo caco, kukw akanwa kiwe ari ko kabigeze, kand’ impwemu ziwe akaba ari zo zibikoranije.


Kukw ababa i Yerusalemu n’abakuru babo batāmumenye, cank’ amajambo y’abavugishwa n’Imana asomwa ukw isabato itashe, ni co catumye bashitsa ivyo bāvugishijwe, hamwe bāmutsindisha:


Iyo mwizera Mose, nanje muba munyizeye, kukw ar’ ivyanje yanditse.


Abanyabgenge baratēterewe, barajorewe, bafashwe mpiri: erega n’uko bāgaye ijambo ryanje Uhoraho; mbeg’ ubgenge buri muri bo n’ubuki?


Arabibarusha vyose. Ica mbere, n’ukw Abayuda bābikijwe ivyavuzwe n’Imana.


Mbega nta ho murasoma iki canditswe, ngw Ibuye abubatsi bāgaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka;


Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe no kumusenga. Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafise ivyo gushingira intahe Yesu: Imana ba ari yo usenga. Kukw abashingira intahe Yesu baba bavugishwa na Mpwemu.


ubgo yasezeraniye kera mu kanwa k’abo yavugisha mu vyanditswe vyera,


Mwami Agiripa, uremeye ivy’ abāvugishwa n’Imana? Ndazi yuk’ uvyemeye.


Baramwishura, bati Mbega nawe ur’ uw’ i Galilaya? Sesa urābe yuko har’ ūvugishwa n’Imana yova i Galilaya. [


ariko har’ Uwundi anshingira intahe, nanje nzi yukw intahe yiwe anshingira ar’ iy’ ukuri.


Kukw ah’ uri ari ho har’ isōko y’ubugingo: Mu muco wawe ni ho tuzobonera umuco.


Ati Nzobahagurukiriza ūvugishwa nanje ava mu b’i wabo, ameze nkawe; ati Nzoshira amajambo yanje mu kanwa kiwe, na we azobabarira ivyo ndamugeze vyose.


Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza ūvugishwa na we ameze nkanje, ava muri mwebge, mu b’i wanyu: az’ abe ari we mwumvira.


Ariko jewe mfise ikinshingira intahe kuruta Yohana, kukw ibikorwa Data yampaye ngo mbiheraheze, ivyo bikorwa nyene nkora ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye.


Nabītse ijambo ryawe mu mutima wanje Ngo noye kugucumurako.


Uzondangira inzira y’ubugingo: Mu nyonga hawe ni ho har’ akanyamuneza kuzuye; Mu kuboko kwawe kw’i buryo hahora ibihimbaye ibihe bidashira.


Aramubgira, ati Ni batumvira Mose n’abāvugishwa n’Imana, ntibokwemera nah’ umuntu yozuka mu bāpfuye.


Kukw icagezwe ar’ itara, kand’ amabgirizwa ar’ umuco; Kand’ uguhana kw’ukwigisha ar’inzira y’ubugingo:


Ibiri mur’ ico gitabo c’ivyagezwe ntuz’ ubikūre mu kanwa kawe; arik’ uze wame ubirīmbūra ku murango no mw ijoro, kugira ng’ubone kwitondera ivyanditswemwo vyose; ni ho ivyawe bizogenda neza, ukagira amahirwe.


Ivyo ntimubigire ivyoroshe; kukw ari vyo bugingo bganyu, kandi ni mwavyitondera bizobahesha kurambira mu gihugu, ico mugiye kujabuka Yorodani ngo mucinjire.


Ariko noneho barifuza igihugu kirushije ico kuba ciza, n’ico mw ijuru. Ni co gituma Imana itamāramāzwa no kwitwa Imana yabo, kuko yabateguriye igisagara.


Ijambo rya Kristo ribe muri mwebge rigwiriye, ririmw’ ubgenge bgose: mwigishanye, muhanūrane, muririmba zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmbire Imana mu mitima yanyu mubiheshwa n’ubuntu bgayo.


Aburahamu aramubgira, ati Bafise ivya Mose n’ivy’ abāvugishwa n’Imana, ni babumvire.


Kandi benshi bo mu bazoba basinziriye mw ivu hasi bazokwikangura, bamwe bikangurire ubugingo budashira, abandi bikangurire ubumāramāre n’ibitētērwa bitazoshira.


Filipo abona Natanayeli, aramubgira, at, Uwo Mose yanditse mu vyagezwe, n’abāvugishwa n’Imana bakamwandika, twamubonye, ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.


Dusubire ku vyagezwe no kuri vya Bishinga intahe! Ni batāvuga ibihwanye na vyo bazoba mu bgirantibuce.


Yagusavye ubugingo, urabumuha, Ni bgo kuramba ibihe bitazoshira.


Arikw ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, Kand’ ivyagezwe vyiwe ni vyo ashirak’ umutima ku murango no mw ijoro.


Kandi bimeze nk’ikime co kuri Herumoni, Gitonda ku misozi y’i Siyoni: Kukw ah’ ari ho Uhoraho yagereye umugisha, Ni wo bugingo bg’ibihe bidashira.


Abagore bāgaruriwe abo bābuze bazutse, abandi bicishwa amahiri ntibemera gucungurwa, kugira ngo baze bahabge ukuzuka kurushiriza kuba kwiza.


Ibikir’ amabanga n’ivy’ Uhoraho Imana yacu, arikw ibimaze guhishurwa n’ivyacu n’uruvyaro rwacu ibihe vyose, kugira ngo twitondere amajambo yose y’ibi vyagezwe.


Arababgira, ati Yemwe mwa mburabgenge, imitima yanyu itevye cane kwizera ivyo abāvugishwa n’Imana bāvuze vyose!


ariko mukanka kuza kuri jewe ngo muronke ubugingo.


Na we arababaza, ati Mose yabagereye iki?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite