Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 5:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 mugabo jewe sindinda gushingirwa intahe n’umuntu; arikw ico mvugiye ivyo n’ukugira ngo mukizwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Si ukuvuga ko nkeneye intahe z’abantu; ariko ibi ndabivuze kugira ngo mukizwe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 5:34
16 Referans Kwoze  

Ko twemera intahe ishinzwe n’abantu, intahe y’Imana yo n’agaheta: kukw intahe y’Imana ar’ iyi, ar’ uko yashingiye intahe ivy’ Umwana wayo.


Arikw ibi vyandikiwe kugira ngo mwizere yuko Yesu ari we Kristo, Umwana w’Imana, no kugira ngo mwizeye mugire ubugingo mw izina ryiwe.


Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko ni wagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumva.


Ku badakomeye nabaye nk’ūdakomeye, kugira ngo ndonke abadakomeye. Kuri bose nabaye vyose kugira ngo nkirishe bamwe‐bamwe uburyo bgose.


Bene Data, ivyohimbara umutima wanje n’ivyo nsengera Abisirayeli ku Mana, n’ukugira ngo bakizwe.


Tuvuge iki? Naho bamwe batizeye, mbega kutizera kwabo kuzohindura ubusa ivy’ Imana yizigiweko?


Yesu arabishura, ati Ni naba niha icubahiro, icubahiro canje kizoba ar’ ic’ ubusa: ūmpa icubahiro ni Data, uwo muvuga ngo n’Imana yanyu,


Singomba gushimwa n’abantu,


kandi yuk’ ukwihana no guharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.


Ikibi coye kukunesha, yamara ikibi ukinesheshe iciza.


Ariko ku Bisirayeli aravuga, ati Nirirwa ntegeye amaboko ubgoko butumva butongana.


Kand’ Umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye.


Ewe Yerusalemu, ewe Yerusalemu, wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda.


ariko har’ Uwundi anshingira intahe, nanje nzi yukw intahe yiwe anshingira ar’ iy’ ukuri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite