Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 5:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Muri yo hari haryamye abantu benshi barwaye, n’impumyi, n’abacumbagira, n’abanyunyutse. [Bāri barorereye kw amazi azīkuruka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Muri ayo mabaraza, hari haryamye abarwayi benshi, harimwo impumyi, abacumbagira, n’abanyunyutse. [Bari barindiriye ko amazi azikuruka.

Gade chapit la Kopi




Yohana 5:3
12 Referans Kwoze  

Maz’ arabishura, ati Ni mugende, mubarire Yohana ivyo mubonye n’ivyo mwumvise. Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abāpfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.


Abantu benshi baza kuri we bazanye abacumbagira n’ibimuga n’impumyi n’ibiragi, n’abandi benshi, babashira imbere y’ibirenge vyiwe, arabakiza.


Azobona ibara, uwo mwungere w’imburakimazi ata umukuku! Inkota izomukubita ku kuboko, no ku jisho ry’i buryo: ukuboko kwiwe kuzonyunyuka rwose, kand’ ijisho ryiwe ry’i buryo rizohuma agahenebere.


Ni vyiza k’umuntu yizigira, akitega agakiza k’Uhoraho atekereje.


Nuko bene Data, mwihangane mushitse ah’ Umwami Yesu azozira. Eh’ umurimyi arorēra imirima myiza, ayirīndīra yihanganye, gushitsa ah’ izoronkera imvura y’agatāsi n’iy’ urushana.


Yamara ko twiteze ico tutarabona, nuko tukirorēra twihangana.


Hahirwa umuntu anyumviriza, Akāma arerekeye ku myugariro yanje uko bukeye, Agategera ku bishimaryango vyanje.


Maz’ umwami Yerobowamu yumvise ijambo uwo muntu w’Imana yasemereye, avugiye kur’ ico gicaniro c’i Beteli, amutunga ukuboko ahagaze ku gicaniro, aravuga, ati Ni mumufate! Uwo mwanya ukuboko yar’ amutunze guca kuranyūnyūka, bituma adashobora kukwigarukanako.


Inkuru yiwe ikwira i Siriya hose, bamuzanira abarwaye bose bātewe n’indwara zitari zimwe n’ibibasheshereje, n’abinjiwemwo n’abadayimoni, n’abarwaye intandara, n’ibimuga; arabakiza.


Kand’ i Yerusalemu hafi y’irembo ry’intama, hār’ ikidengeri, mu Giheburayo citwa Betesida, carikw amabaraza atanu.


Kuko rimwe‐rimwe umumarayika yamanuka aja muri kino kidengeri, akazīkurura amazi. Maz’ uwītangiye gutambukiramwo, amazi azīkurutse, ni we yakira indwara yamufashe iy’ ari yo yose.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite