Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 5:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ni co catumye Abayuda bahama Yesu, kuko yakoze ivyo kw isabato.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Nuko abakuru b’Abayuda batangura guhama Yesu, kuko yakoze ivyo ku musi w’Isabato.

Gade chapit la Kopi




Yohana 5:16
15 Referans Kwoze  

Mwibuke rya jambo nababgiye, nt’ Umushumba ntaruta shebuja; namba bārampamye, namwe bazobahama; namba bāritondeye ijambo ryanje, n’iryanyu bazoryitondera.


Nuko bongera kurondera ingene bomufata, abava mu maboko.


Bamwe mu b’i Yerusalemu baravuga, bati Mbeg’ uwo si we bashaka kwica?


Arik’ uwakijijwe ntiyar’ azi uw’ ari we, kuko Yesu yaciye yīgīra, kukw aho hantu hār’ abantu benshi.


Ariko bo birabasaza rwose, baja inama y’ico bogira Yesu.


Abafarisayo barasohoka, baca bamugīra inama n’abantu ba Herode ngo babone ingene bomwica.


Maz’ abgira uwo muntu, ati Ramvura ukuboko kwawe. Arakuramvura, kurakira, gukomera nk’ukundi.


Uku ni kwo gushinga intahe kwa Yohana, ah’ Abayuda bāmutumakw abaherezi n’Abalewi bavuye i Yerusalemu, ngo bamubaze, bat’ Uri nde?


Nukw Abayuda babgira uwakijijwe, bat’ Erega ni kw isabato: ntivyemerwa ko wikorera ikirago cawe.


Uno muntu aragenda, abgira Abayuda kw ari Yesu yamukijije.


Yesu arababgira, ati Data arakora kugeza n’ubu, nanje ndakora.


Ni co catumye Abayuda barushiriza kurondera ingene bomwica, kukw atākēngereye isabato gusa, arikw agatakw akīta Imana kw ari Se bgite, akīringaniza n’Imana.


Yesu arabishura, ati Nakoze igikorwa kimwe, mwese muratangara.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite