Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 5:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Hanyuma y’ivyo Yesu amubona mu rusengero, aramubgira, ati Rāba wakize; ntugasubire gukora icaha, kugira ngo ntuz’ ubone ibiruta ivya mbere.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Mu nyuma, Yesu amusanga mu rusengero aramubwira ati: “Urabona ko wakize! Ntuze usubire gucumura kugira ngo ntuze ushikirwe n’icago kirengeye ico wahorana.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 5:14
23 Referans Kwoze  

Na we ati Nta n’umwe, Mugenzi. Yesu aramubgira, ati Nanje singucira urubanza. Ni wīgīre, guhēra ubu ntuz’ usubire gukora icaha.]


Uhoraho yampannye bikomeye, Ariko ntiyangomoreye urupfu.


Yamara ngo babone impore, bagasubira gukorera ibibi imbere yawe, nawe ukongera kubagabura mu maboko y’abansi babo bakabaganza. Mugabo, basubiye kugutakambira ukabumva uri mw ijuru, ukabarokora ibihe n’ibihe kubg’ imbabazi zawe.


Igaca igenda, ikazana izindi mpwemu ndwi ziyirusha ububi, zikinjira, zikahaba. Ivya nyuma vy’uwo muntu bikarusha ivya mbere ububi. Ni ko bizoba no ku b’iki gihe kibi.


Ivyo vyose ni bitātuma munyumvira, ariko mukagenda munyuranya nanje;


Yesu abonye ukwizera kwabo, abgira ico kimuga, ati Mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.


Uhoraho, nkiza, Ni co kizotuma turirimba indirimbo zanje tuvugira inanga Turi mu ngoro y’Uhoraho imisi yose y’ukubaho kwacu.


N’ubu, umutwe wanje uzoshirwa hejuru y’abansi banje bankikije; Nanje nzotangira ibimazi vy’ umunezero mw ihema ryiwe, Nzoririmba, ego cane nzoririmbira Uhoraho amatazirano.


Hārih’ umuntu yar’ afise indwara ayimaranye imyaka mirongwitatu n’umunani.


Maz’ uwo mwami Ahazi nyene, igihe aburaniwe arushiriza kuja imbere gucumura k’ Uhoraho,


Uhoraho, ngirira ikigongwe; Urābe umubabaro mbabazwa n’abanyanka, Ni wewe undūgana, ukankūra mu marembo y’urupfu,


Kukw igihe cashize gihāgije gukora ivy’ abanyamahanga bakunda gukora, no kugendera mu ngeso z’isoni nke, n’izo kwifuza, no kunohorwa na vino, no kudandahirwa, no kurundāna aho bateretse, n’ibizira vyo gusenga ibigirwamana.


Ni yagitanga kubgo gukenguruka, ico kimazi co gukenguruka az’ agitangane n’udutsima tutambiwe twacumbanywe n’amavuta ya elayo, bo n’utundi dutsima tubēhūye, tutambiwe nyene, twasutswekw amavuta, n’utundi nyene twacumbanywe n’amavuta, twacumbge mw ifu igogōretse ivangishijwe amavuta ngw ihwane.


Kandi na Hezekiya yari yarabajije, at’ Ikimenyamenya kizoba iki, cerekana ko nzodūga nkaja mu ngoro y’Uhoraho?


Arik’ uwakijijwe ntiyar’ azi uw’ ari we, kuko Yesu yaciye yīgīra, kukw aho hantu hār’ abantu benshi.


na we ahasuzume, maze ni yasanga ico kintu gisa n’icinjiye imbere mu rukoba, ubgoya bgaho bgahindutse, bukēra, uwo muherezi az’ avuge kw ahumanye: izoba ar’ indwara y’imibembe, yaziye mu nkovu y’igihute.


Kukw amateka yayo yose yar’ imbere yanje, Kand’ ivyagezwe vyayo sinabikūye imbere yanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite