Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 5:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hanyuma y’ivyo haba imisi mikuru y’Abayuda; Yesu adūga i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Hanyuma y’ivyo, Yesu aduga i Yerusalemu ku musi mukuru w’Abayuda.

Gade chapit la Kopi




Yohana 5:1
8 Referans Kwoze  

Haze harenguke izinamuhungu wese imbere y’Uhoraho Imana yanyu gatatu‐gatatu mu mwaka, barenguke ha hantu azoba yātoranije. Baze mu misi mikuru y’imitsima itambiwe, no ku musi ukurikira ya masabato ndwi, no mu misi mikuru y’insāgo; ariko ntibaze barenguke imbere y’ Uhoraho iminwe misa.


Haze harenguke uwitwa umuhungu wese imbere yanje, jewe Umwami Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, gatatu‐gatatu mu mwaka.


Kandi Pasika y’Abayuda yari hafi; Yesu adūga i Yerusalemu.


Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe,


Yesu aramwishura, ati Bikunde: kukw ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose. Bun’ aramukundira;


Ukwezi kwa Abibu muze mwame mukugira gukuru, mwitondere ivya Pasika y’Uhoraho Imana yanyu; kuko mu kwezi kwa Abibu ari ho Uhoraho Imana yanyu yahenze mw ijoro akabakūra muri Egiputa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite