Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 4:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 kand’ aho hār’ iriba rya Yakobo. Yesu ananijwe n’urugendo apfa kwicara kw iriba, hāri nk’isaha zitandatu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Aho ni ho hari iriba rya Yakobo. Yesu aruhijwe n’urugendo, yicara kuri iryo riba. Aho hari nk’isaha zitandatu z’umurango.

Gade chapit la Kopi




Yohana 4:6
12 Referans Kwoze  

Kuk’ umuherezi mukuru dufise, atar’ ūdashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko n’uwageragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze.


Ni co catumye vyaramubereye gushushanywa na bene Se kuri vyose, ngw abe umuherezi mukuru wo mu vy’Imana, w’imbabazi kand’ agororoka, abe impongano y’ivyaha vy’abantu.


Haza igihuhuta gikomeye mu kiyaga, bituma ubgato buzimirira mu mipfunda: ariko we yar’ asinziriye.


Uhereye kw isaha ya gatandatu ubgirakabiri bukorana mu gihugu cose gushitsa kw isaha y’icenda.


Amaze imisi mirongwine n’amajoro mirongwine yisonzesheje, abona gusonza.


Kuko muzi ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, yuko naho yar’ umutunzi, yahindutse umworo kubganyu, kugira ng’ubgoro bgiwe bubatungishe.


Yesu arabishura, ati Non’ isaha z’umurango s’icumi na zibiri? Ūgenda ku murango ntatsitara, kukw abona umuco w’iyi si.


Yesu aramubgira, at’ Imbgebge ziri n’imyobo, n’ibiguruka mu kirēre biri n’ivyāri; arik’ Umwana w’umuntu we ntagira ah’ arambika umusaya.


Avyara umuhungu w’uburiza, amuzingirakw impuzu y’uruyoya, amuryamika mu bgato bg’inka, kuko bāri babuze umwanya mu ndāro.


Nukw ashika ku gisagara c’i Samariya citwa Sukara, hafi y’umusozi Yakobo yahaye Yosefu, umuhungu wiwe,


Haza umugore w’Umusamariyakazi kuvoma: Yesu aramubgira, at’ Umpe utwo kunywa.


Mbeg’ uruta sogokuruza wacu Yakobo, yaduhaye iri riba, yanywa amazi yaryo, ubgiwe n’abana biwe, n’amasho yiwe?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite