Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 4:53 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

53 Maze se aca amenya ko hāri muri nya saha nyene Yesu yamubgiriyemwo, at’ Umwana wawe ni muzima. Arizera ubgiwe n’abo mu rugo rwiwe bose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

53 Se w’umwana aca asanga hari kuri ya saha Yesu yamubwira ati: “Umwana wawe ni muzima.” Nuko aca yizera Yesu we n’abo mu nzu yiwe bose.

Gade chapit la Kopi




Yohana 4:53
12 Referans Kwoze  

Yesu amuvugako, at’ Uyu musi agakiza gashitse mur’ iyi nzu, kuk’ uyu na we ar’ umwana wa Aburahamu.


Arungika ijambo ryiwe, akabakiza indwara, Akabakiza kuja mu vyobo vyabo.


Ariko Krisipo, umukuru w’isinagogi, yizerana Umwami Yesu n’abo mu nzu yiwe bose; n’Abakorinto benshi bumvise barizera, barabatizwa.


Arabadūgana, abajana i we, arabagaburira, anezeranwa cane n’abo mu nzu yiwe bose, kuko yizeye Imana.


azokubarira amajambo yo kugukizanya n’abo mu nzu yawe bose.


Amaze kubatizanywa n’abo mu nzu yiwe, aratwinginga, at’ Asangwa mubonye nd’uwizeye Umwami Yesu, ni muze i wanje, musembereho. Aratugōbēra.


Kukw isezerano ar’ iryanyu kand’ ar’ iry’ abana banyu, n’abari kure bose, abazohamagarwa bose n’Umwami Imana yacu.


Yesu abgira uwo mugabisha, at’ Igīre, bikubere nk’uko wizeye. Nuko wa muhungu akira uno mwanya.


Kuko yavuze, bikaba, Yageze, bikaguma.


Abasiguza cane igihe yatanguye kworoherwa. Baramubgira, bat’ Ejo, kw isaha ndwi, ni ho umururumbo wamuvuyeko.


Arikw aramanuka abantu biwe baramusanganira, bat’ Umwana wawe ni muzima.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite