Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 4:46 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 Maz’ asubira kuja i Kana i Galilaya, hamwe yahindurira amazi agacika vino. Hār’ umutware atwarira umwami, umwana wiwe w’umuhungu yar’ arwariye i Kaperinawumu;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

46 Yongera kuja i Kana mu ntara ya Galilaya, hamwe yahindura amazi umuvinyu. Aho hari umutware yakora i bwami yari afise umuhungu arwariye i Kaperinawumu.

Gade chapit la Kopi




Yohana 4:46
14 Referans Kwoze  

kuko yar’ afise umukobga w’ikinege, yar’ amaze imyaka nka cumi n’ibiri avutse, kandi yarikw arahwera. Arikw aragenda, ishengero riramubānda.


Hāriy’ umugabisha w’abasoda ijana, umushumba wiwe akunda cane yar’ arwaye, ari ku mpfiro.


Umunyakananikazi ava mu ntāra yaho aratakamba, ati Ngirira imbabazi se Mugenzi, Mwana wa Dawidi: umukobga wanje afashwe nabi na dayimoni.


Akibabgira ivyo, haza umukuru w’isinagogi aramupfukamira, at’ Umwana wanje w’umukobga aradēndūtse, n’uze se, umurambikekw ikiganza, asubire abe muzima.


Nzogenda nisubirire i wanje, kugeza aho bazokwemerera igicumuro cabo, bakarondera mu nyonga hanje: babonye ivyago bazoca bandonderana umwete.


Uz’ unyambaze ku musi w’ amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.


Simoni Petero na Toma ari we Hasa bāri kumwe na Natanayeli w’i Kana i Galilaya, na bene Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri.


Uko yabica, bābaririza ivyayo, Bakagaruka bakazindukira kurondera Imana.


n’i Eburoni n’i Rehoba n’i Hamoni n’i Kana, gushika no kuri ca gisagara kinini Sidoni;


Yimuka i Nazareti, aja kuba i Kaperinawumu hafi y’ikiyaga mu rugabano rwa Zebuloni na Nafutali,


Arababgira, ati Ntimuzobura kuncirak’ uyu mugani, muti Muvūzi, wivūre. Ivyo twumvise vyose ko wakoreye i Kaperinawumu, ubikorere n’ino mu ntāra y’i wanyu.


Hanyuma y’ivyo amanuka i Kaperinawumu, bo na nyina na bene nyina n’abigishwa biwe, amaray’ imisi itari myinshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite