Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 4:45 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

45 Ashitse i Galilaya, Abanyagalilaya baramwākīra, kuko babonye ivyo yakoreye i Yerusalemu vyose muri ya misi mikuru, kuko na bo bari bagiyeyo mu misi mikuru.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

45 Ashitse i Galilaya, Abanyagalilaya baramwakira. Bari barabonye ivyo yakoreye i Yerusalemu ku Musi mukuru wa Pasika, kuko ari yo bari bari.

Gade chapit la Kopi




Yohana 4:45
10 Referans Kwoze  

Kandi yar’i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika, benshi bizera izina ryiwe, babonye ibimenyetso akora.


uwo aza kuri we mw ijoro, aramubgira, ati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umwigisha yavuye ku Mana, kukw ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk’ivyo ukora, shit’ Imana iri kumwe na we.


Haze harenguke izinamuhungu wese imbere y’Uhoraho Imana yanyu gatatu‐gatatu mu mwaka, barenguke ha hantu azoba yātoranije. Baze mu misi mikuru y’imitsima itambiwe, no ku musi ukurikira ya masabato ndwi, no mu misi mikuru y’insāgo; ariko ntibaze barenguke imbere y’ Uhoraho iminwe misa.


Ntibāmwākīra, kuko yerekeje i Yerusalemu.


Yesu agarutse, ishengero riramusanganira, kuko bose bāri bamurorereye.


Ico gihe abantu bār’ aho bamwīgānira ivy’ Abanyagalilaya, abo Pilato yavanganije amaraso yabo n’ibimazi vyabo.


Ico ni co kimenyetso ca kabiri Yesu yakoze, avuye i Yudaya ashitse i Galilaya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite