43 Iyo misi ibiri ishize, avayo aja i Galilaya.
43 Haheze imisi ibiri, Yesu ava i Samariya aja i Galilaya.
Ico mvuga n’uko Kristo yacitse umukozi w’abākebge wo kubagaburira ivy’ Imana, kubg’ ukuri kwayo, kugira ngw ashitse ivyo ba sogokuruza bāsezeraniwe,
Maz’ Abasamariya baje ah’ ari, baramwinginga ngw agume i wabo; asībirayo kabiri.
Yimuka i Nazareti, aja kuba i Kaperinawumu hafi y’ikiyaga mu rugabano rwa Zebuloni na Nafutali,
Maz’ asubira kuja i Kana i Galilaya, hamwe yahindurira amazi agacika vino. Hār’ umutware atwarira umwami, umwana wiwe w’umuhungu yar’ arwariye i Kaperinawumu;
Amujana kuri Yesu. Yesu aramwitegereza, aramubgira, at’ Uri Simoni mwene Yohana; uzokwitwa Kefa (risobanurwa ngo Petero).
Kandi Yesu ubgiwe yashinze intahe yuk’ umuntu avugishwa n’Imana atagira icubahiro mu ntāra y’i wabo.