Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 4:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 maze babgira uwo mugore, bat’ Ubu ho ntitwizeye kubg’ amajambo yawe gusa, kuko natwe twīyumviye kandi tumenye k’uyu ar’ Umukiza w’isi vy’ukuri.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Babwira wa mugore bati: “Ubu ntitucizeye kubera ivyo watubwiye gusa; kuko twamwiyumviye, kandi twamenye neza ko ari we Mukiza w’isi.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 4:42
23 Referans Kwoze  

Natwe twarabibonye, tubishingira intahe, yuko Data wa twese yatumye Umwana wiwe kuba Umukiza w’isi yose.


Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira.


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


Kukw igituma dutama tukāma mu ntambara ar’ uko twizigiye Imana nzima, ni yo Mukiza w’abantu bose, cane‐cane w’abizera.


ni kwo kuvuga yukw Imana yari muri Kristo yiyuzuza n’abari mw isi, ntiyabaharūrakw ibicumuro vyabo, kandi yatubīkije ijambo ry’umwuzuzo.


Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kukw ata rindi zina musi y’ijuru ryāhawe abantu dukwiye gukirizwamwo.


kukw amajambo wampaye nayabahaye, na bo bakayākīra, bakamenya vy’ukuri ko naturutse kuri wewe; bakizera kw ari wewe wantumye.


ati Ni muze murābe umuntu ambariye ivyo nakoze vyose: namb’ ari we Kristo?


Ni muntumbere mukizwe, mwa mpera zose z’isi: kukw ari jewe Mana, ata yindi.


Kuba umuco wākira amahanga, No kuba ubgiza bg’abantu bawe b’Abisirayeli.


Nuko Yesu ashitse asanga amaze imisi ine mu mva.


Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uz’ umwite YESU, kukw ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.


Uhoraho akumye impuzu ku kuboko kwiwe kwera mu maso y’amahanga yose, kand’ impera z’isi zose zizobona agakiza k’Imana yacu.


Hizera abandi benshi baruta aba mbere, kuko bīyumviye ijambo ryiwe;


Uyo Imana yaramushize hejuru n’ukuboko kwayo kw’i buryo, ngw abe Umukuru n’Umukiza, ngw ahe Abisirayeli kwihana no guharirwa ivyaha.


Mu ruvyaro rw’uwo, nk’ukw Imana yasezeranye, yazaniye Abisirayeli Umukiza, ni we Yesu.


kand’ uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo s’iy’ ivyacu twenyene, ariko n’iy’ ivy’ abari mw isi bose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite