Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 4:39 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Benshi mu Basamariya bo mur’ ico gisagara bamwizera kubg’ amajambo ya wa mugore, yavuze ashinga intahe, at’ Ambariye ivyo nakoze vyose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Nuko Abasamariya benshi bo muri ico gisagara bizera Yesu kubera wa mugore yababwiye ati: “Yambwiye ivyo nakoze vyose.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 4:39
11 Referans Kwoze  

ati Ni muze murābe umuntu ambariye ivyo nakoze vyose: namb’ ari we Kristo?


Nukw ashika ku gisagara c’i Samariya citwa Sukara, hafi y’umusozi Yakobo yahaye Yosefu, umuhungu wiwe,


Nuko benshi mur’ abo Bayuda bari baje kwa Mariya, babonye ico Yesu akoze, baramwizera,


maze babgira uwo mugore, bat’ Ubu ho ntitwizeye kubg’ amajambo yawe gusa, kuko natwe twīyumviye kandi tumenye k’uyu ar’ Umukiza w’isi vy’ukuri.


Abo cumi na babiri Yesu arabatuma ababarira, ati Ntimuze mujane inzira ija mu banyamahanga, canke mu bisagara vy’Abasamariya.


Kukw abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kugura indya.


Bava mu gisagara ngo bamusange iy’ ari.


Nabatumye kwimbura ibitābatamije; abandi bāratamye, namwe mwashikiye mu vy’ubutame bgabo.


Maz’ Abasamariya baje ah’ ari, baramwinginga ngw agume i wabo; asībirayo kabiri.


Abo bigishwa babiri bumvise ukw avuga, bakurikira Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite