Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 4:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Yesu arababgira, at’ Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 4:34
21 Referans Kwoze  

Kuko ntākūwe mw ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivy’ uwantumye agomba.


Nta co nshobora gukora nigeneye; uko numvise ni ko nca urubanza, kand’ urubanza nca rurabereye, kuko ntarondera ivyo nigombera, ariko ndondera ivyo uwantumye agomba.


Nta ho nasubiye inyuma ngo mve mu vyagezwe yashinze; Nashize umutima ku majambo yo mu kanwa kayo kuruta uko ndawushira ku vyo kurya bintunga.


Nagushimagije mw isi, nnonosoye igikorwa wampaye gukora.


Yesu amaze kuyihabga, aravuga, ati Birarangiye. Araheza ajondamika umutwe, umutima uraca.


Yunguruza imbere gatoya, arubama, arasenga, ati Data, asangwa vyoshoboka, iki gikombe ni kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.


Ariko jewe mfise ikinshingira intahe kuruta Yohana, kukw ibikorwa Data yampaye ngo mbiheraheze, ivyo bikorwa nyene nkora ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye.


Arabishura, ati Jewe mfise ivyo kurya mwebge mutazi.


Kand’ Umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye.


Mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje; Mber’ ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


Ndababgire, Uko ni ko haba umunezero imbere y’abamarayika b’Imana kubg’ umunyavyaha umwe yihannye.


Nabahaye akarorero muri vyose, yuko mu butame nk’ubgo, ari ko mukwiye gufasha abadakomeye, no kwibuka amajambo y’Umwami Yesu, ingen’ ubgiwe yavuze, ati Gutanga kuzana umugisha, kuruta guhabga.


Kuk’ umutsima w’Imana ar’ ūmanuka uva mw ijuru, ugaha abari mw isi ubugingo.


Yesu aramwishura, ati Bikunde: kukw ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose. Bun’ aramukundira;


Arababaza, ati N’iki cabateye kundondera? Ntimwari muzi yuko bikwiye ko mba kwa Data?


Kand’ uwantumye turi kumwe na we, ntiyansize jenyene, kuko jewe na ntaryo nama nkora ibimuhimbara.


Hanyuma y’ivyo Yesu amenye yuko noneho vyose birangiye, kugira ngw icanditswe gishike, aravuga, ati Mfise inyota.


Yesu ava hasi, aramukurikira, bo n’abigishwa biwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite