Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 4:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Imana ni Mpwemu, kand’ abayisenga bakwiye kuyisenga mu mpwemu no mu kuri.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Imana ni impwemu, kandi abayisenga bakwiye kuyisenga mu Mpwemu no mu kuri.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 4:24
13 Referans Kwoze  

Arik’ uwo Mwami ni we Mpwemu: kand’ aho Mpwemu w’Umwami ari, ni ho haba umwidegemvyo.


Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;


Ibimazi Imana ishikanirwa n’umutima umenetse; Umutima umenetse, ujanjaguwe, Mana, ntuzowukēngēra.


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


Arik’ Uhoraho abarira Samweli, ati Nta co urāba ishusho yiwe, cank’ ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye; erega jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.


Umwami ahoraho, adapfa, ataboneka, ari we Mana imwe yonyene, igitinyiro n’icubahiro bibe ivyayo, ibihe bitazoshira. Amen.


Iyaba nari nshize umutima wanje ku vyo kugabitanya Umwami Imana ntaba yaranyumviye.


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Umuntu wese anshikanira ikimazi c’ishimwe aba ampesheje icubahiro: Kand’ ūtunganya ingeso ziwe Nzomwereka agakiza k’Imana.


Uhoraho aba hafi y’abamwambaza bose, Y’abamwambaza mu vy’ukuri bose.


Arikw igihe kiza, kandi kirashitse, ni ho abasenga b’ukuri bazosengera Data mu mpwemu no mu kuri, kuko Data arondera abamusenga bameze bartyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite