Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 4:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Arikw igihe kiza, kandi kirashitse, ni ho abasenga b’ukuri bazosengera Data mu mpwemu no mu kuri, kuko Data arondera abamusenga bameze bartyo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Ariko igihe kiraje kandi kirashitse aho abasenga b’ukuri bazosenga Data mu Mpwemu no mu kuri. Abo ni bo basenzi Data arondera.

Gade chapit la Kopi




Yohana 4:23
39 Referans Kwoze  

Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Igihe kiza, kandi kirashitse, ah’ abapfuye bazokwumvira ijwi ry’Umwana w’Imana, kand’ abazoryumva bazoba bazima.


Kandi kuko mur’ abana bayo, Imana yatumye Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu, ataka, ati Abba, Data.


Ni ko na Mpwemu adufasha mu ntege nke zacu: kuko tutazi uko dukwiye gusenga, ariko Mpwemu ubgiwe aradusengera, aniha iminiho itovugwa;


Yesu arabishura, at’ Igihe kirageze c’uk’ Umwana w’umuntu ahabga ubgiza bgiwe.


musengere muri Mpwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga no kwinginga, kand’ ivyo mubibere maso, mukobeje rwose, musengera abera bose.


Yesu aramubgira, ati Nyizera nyina wanje; igihe kija kuza, si kur’ uyu musozi cank’ i Yerusalemu muzosengera Data.


Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.


Umwami Imana aravuga, at’ Aba bantu ko bahora baza hafi yanje, bazanye akanwa kabo gusa, bakanyubahisha iminwa yabo, arikw imitima yabo bakayishira kure yanje, n’ukunyubaha kwabo kukaba ar’ icagezwe bigishijwe n’abantu.


Mugabo bandondera uko bukeye, banezererwa kumenya inzira zanje; nk’ihanga ryakora ivy’ ukugororoka, ntirireke ivyagezwe vy’ Imana yabo, ni ko bansaba ivyagezwe vyo kugororoka, bakanezererwa kwēgēra Imana.


abantu niremeye kugira ngo bamenyekanishe ishimwe ryanje.


Kuko mutāhawe impwemu y’ubuja ngo mwongere gutinya; ariko mwāhawe impwemu yo kubahindura abana b’Imana, idutakisha ngo Abba, Data.


None rero ni mwubahe Uhoraho, mumusabe mu vy’ukuri ata buryarya; mukūreho za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi no muri Egiputa, Uhoraho abe ari we musaba.


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


Rāba, ugomba ukuri hirya mu mutima, Mu bgigobeko bgawo uzommenyesha ubgenge.


Uhoraho we, umviriza ivy’ ukuri vyanje, bangira ugutwi ugutakamba kwanje, Tegera ugutwi ugusenga kwanje, kutava mu minwa iryarya.


Ariko gusa, ni mwubahe Uhoraho, mumukorere mushize igikonyo, bivuye mu mutima; murābe ivyo yabakoreye ingen’ ar’ ibihambaye.


Igihe kigira kize, mbere kirashitse, aho muhava musābagira, umuntu wese aje mu vyiwe, munte jenyene, ariko sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje.


kand’ uzorahira uguhoraho kwanje Uhoraho mu vy’ukuri no mu biroranye no mu bugororotsi, maz’ amahanga azohezagiranira muri jewe, kandi ni jewe azokwirata.


Kandi nah’ ivyo bimeze birtyo, mwene nyina Yuda Inamuryarukanyi ntiyangarutseko n’umutima wose atar’ ukugaruka mu buryarya, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ikimazi abanyakibi batanga n’ igisesema k’Uhoraho, Arikw ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi.


Kandi Mana yanje, nzi yuk’ usuzuma umutima, kandi k’uhimbarwa n’ubugororotsi. Nanje nshikanye ibi bintu vyose bivuye mu mutima ugororotse. Kand’ ubu ngize akanyamuneza kubona abantu bawe bari hano bagushikanira n’imitima ikunze.


Imana, nkorera mu mutima wanje mvuga ubutumwa bgiza bg’Umwana wayo, ni yo ntanzekw icabona yuko mbahoza mu kanwa ubudasība,


Uhoraho anezererwa abamwubaha, Anezererwa abitega imbabazi ziwe.


Kandi narondeye umuntu muri bo yosana uruzitiro, agahagarara imbere yanje mu kirengero ahagarariye igihugu, ngo noye kugihonnya; ariko nta n’umwe nabonye.


Ewe inanuma wanje, uba mu gihoro co mu gitandara no mw isenga ryo ku gatembge, Reka ndābe mu maso hawe, numve n’ijwi ryawe; Kukw ijwi ryawe ari ryiza, n’uburanga bgawe bukaba buhebuje.


Hahirwa umuntu Uhoraho adaharūrak’ ukugabitanya, Umutima wiwe ntubemw’ ubugunge.


Nuko kur’ uwo musi amasigarira y’Abisirayeli n’abazoba barokotse b’inzu ya Yakobo, bazoba batacisunga uwabakubise, ariko bazokwisunga Uhoraho Uwera w’Abisirayeli mu vy’ukuri.


Ntimutangazwe n’ico; kukw igihe kija kuza, ah’ abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe,


Bazobaca mu masinagogi, kand’ igihe kigiye kuza, ūzobīca wese azogira ngw agiriye Imana ikimazi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite