Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 4:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Mwebge musenga ico mutazi; tweho dusenga ico tuzi, kukw agakiza gaturuka mu Bayuda.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Mwebwe Abasamariya musenga ico mutazi, ariko twebwe dusenga ico tuzi, kuko agakiza gaturuka mu Bayuda.

Gade chapit la Kopi




Yohana 4:22
20 Referans Kwoze  

Kukw aho nagendagenda nitegereza ivyo musenga, nasanze hari n’igicaniro canditsweko, ngw IC’ IMANA ITAZWI. Nukw iyo musenga mutayizi, ni yo mbabarira.


Amoko menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, ku ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.


kandi yuk’ ukwihana no guharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.


Nukw iyo misi y’ubutamenya, Imana yarayīrengagije, ariko noneho, igera kw abantu bose bari hose bihana,


Amenyesha aba Yakobo ijambo ryiwe, Amenyesha Abisirayeli ivyo yashinze, bo n’imanza ziwe.


Birazwi yuk’ Umwami wacu yakomotse kuri Yuda, kand’ uwo muryango Mose nta co yawuvuzeko c’ubuherezi.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Imana itubera Imana y’agakiza, idukiza kenshi; Kand’ Uhoraho, Umwami, ni we ashobora gukūra mu rupfu.


nīgije hafi ukugororoka kwanje, ntikuzoba kure; n’agakiza kanje ntikazotebagana; kandi nzoshira ako gakiza i Siyoni kubga Isirayeli, ni we cubahiro canje.


Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’ UHORAHO YEHOVA ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje.


Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


baca bēgēra Zerubabeli n’abakuru b’amazu ya ba sekuruza, barababgira, bat’ Enda dufatanye namwe kwubaka, kuko dusenga Imana yanyu nk’uko namwe muyisenga; kandi twamye tuyishikanira ibimazi uhereye ku ngoma ya Esarihadoni, umwami w’i Ashuri yatudūganye akatuzana ino.


Semerera, uvuge cane, yewe uba i Siyoni, kuk’ Uwera w’Abisirayeli, ari hagati muri mwebge, ahambaye.


Ni mwebge Imana yatanguye gutumak’ Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngw abahe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe.


ntiwihayagize kur’ ayo mashami. Namb’ uyihayagizako s’igishitsi kimeze kuri wewe, ariko ni wewe umeze ku gishitsi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite