Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 4:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Uno mugore aramubgira, ati Mugenzi, ndabona k’ur’ umuntu avugishwa n’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Wa mugore aramwishura ati: “Nyakwubahwa, ndabona ko uri uwuvugishwa n’Imana.

Gade chapit la Kopi




Yohana 4:19
14 Referans Kwoze  

Bano bantu babonye ikimenyetso akoze, baravuga, bati N’ukuri uyu ni wa muntu avugishwa n’Imana yar’ akwiye kuza mw isi.


Wa Mufarisayo yamuhamagaye abibonye, aribgira, at’ Uyu muntu iy’aba ūvugishwa n’Imana, yari kumenya uyu mugore amukozeko, ukw ari kand’ ukw asa, kw ar’ umunyavyaha.


Basubira kubaza umwe yahora ar’ impumyi, bati Weho uvuga kw ar’ iki, kuko yaguhumūye amaso? Na we ati N’ūvugishwa n’Imana.


Bose baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana, bat’ Ūvugishwa n’Imana ahambaye aserutse muri twebge; kandi bat’ Imana igendeye abantu bayo.


Bamwe mw ishengero bumvise ayo majambo, bati N’ukuri uyu ni wa muntu avugishwa n’Imana.


Abo mw ishengero barabishura, bat’ Uyo n’ūvugishwa n’Imana, Yesu w’i Nazareti i Galilaya.


Arababaza, ati N’ibiki? Baramwishura, bati N’ivya Yesu Umunyanazareti, yar’ umuntu avugishwa n’Imana, akaba umunyabushobozi bginshi mu vyo yakora no mu vyo yavuga, imbere y’Imana n’imbere y’abantu bose:


Umwe mu bantu biwe aramwishura, at’ Oyaye, mwami wanje nyen’ ingoma; ariko Elisa umuvugishwa wo mu Bisirayeli ni we abarira umwami w’Abisirayeli amajambo uvugira ku kirwa.


Aramubarira, ati Mbeg’ ugira ng’ umutima wanje ntiwajanye nawe, igihe wa mugabo yava mu mukogote wiwe agahindukira ngo muhūre? Mbeg’ iki n’igihe co kwākīra amahera n’imyambaro, n’imirima y’imyelayo n’iy’ imizabibu, n’intama n’ inka, n’abagurano n’abaguranokazi?


ati Ni muze murābe umuntu ambariye ivyo nakoze vyose: namb’ ari we Kristo?


Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza ūvugishwa na we ameze nkanje, ava muri mwebge, mu b’i wanyu: az’ abe ari we mwumvira.


kuko war’ ufise abagabo batanu, arik’ uwo ufise ubu s’umugabo wawe; ivyo ubivuze ukuri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite