Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 4:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Mbeg’ uruta sogokuruza wacu Yakobo, yaduhaye iri riba, yanywa amazi yaryo, ubgiwe n’abana biwe, n’amasho yiwe?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Wewe uruta sogokuruza Yakobo yaduhaye iri riba kandi na we ubwiwe akanywa amazi yaryo, n’abana biwe n’ibitungwa vyiwe?”

Gade chapit la Kopi




Yohana 4:12
8 Referans Kwoze  

Kuk’ uyo yiyumviriwe kw akwiye guhabga icubahiro kiruta ica Mose, nk’ukw ishimwe ry’uwubatse urugo riruta iry’ urugo.


kand’ aho hār’ iriba rya Yakobo. Yesu ananijwe n’urugendo apfa kwicara kw iriba, hāri nk’isaha zitandatu.


Umugabekazi w’igihugu c’i bumanuko azovana hasi n’ab’ iki gihe ku musi w’amateka, abatsindishe: kuko yavanywe ku mpera y’isi no kwumva ubgenge bga Salomo; kandi rāba, ūruta Salomo ari hano.


Mbeg’ uruta sogokuruza wacu Aburahamu? We ko yapfuye, n’abāvugishwa n’Imana na bo bakaba bārapfuye: wiyita nde?


Nukw ashika ku gisagara c’i Samariya citwa Sukara, hafi y’umusozi Yakobo yahaye Yosefu, umuhungu wiwe,


Yesu aramwishura, at’ Ūnywa kur’ ayo mazi wese azosubira kugira inyota;


Ba sogokuruza bacu bāsengera kur’ uyu musozi, ariko mweho mugira ngw i Yerusalemu ni ho hantu hakwiye gusengerwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite