Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Umwami Yesu amenye kw Abafarisayo bumvise yukw aronka abigishwa benshi, kand’ abatiza benshi, arusha Yohana,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Nuko Yesu yumva ko Abafarisayo bamenye ko aronka kandi akabatiza abigishwa benshi kurusha Yohana.

Gade chapit la Kopi




Yohana 4:1
15 Referans Kwoze  

Baza aho Yohana ari, baramubgira, bati Mwigisha, uwo mwari kumwe hakurya ya Yorodani, umwe washingira intahe, erega na we arikw arabatiza, kandi bose baza kuri we.


Hanyuma y’ivyo Yesu ajana n’abigishwa biwe mu gihugu c’i Yudaya, atebanayo na bo, abatiza.


Kuko tutigisha abantu ivyacu, ariko tubigisha ivya Kristo Yesu kw ari we Mwami, natwe yuko tur’ abashumba banyu kubga Yesu.


Umuntu wa mbere yandurutse mw ivu, n’uw’ umukungugu: umuntu wa kabiri yandurutse mw ijuru.


Kandi mu baganza b’iki gihe nta wabumenye: iyo baba bārabumenye ntibaba bārabamvye Umwami w’icubahiro.


Ijambo Imana yatumye ku Bisirayeli, ivugisha Yesu Kristo ubutumwa bgiza bg’amahoro, ni we Mwami wa bose;


Kandi ku mpuzu ziwe no ku kibero, afise izina ryanditsweko, ng’ UMWAMI W’ABAMI, ŪGANZA ABAGANZA.


Bene Data, kwizera Umwami wacu Yesu Kristo w’ubgiza ntikubemwo kurobanura abantu ku cubahiro.


Uyu musi Umukiza abavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo Umwami.


Barabishura, bati Databuja ni we ayigomba.


Kandi ni hāgira ūbabaza, ati N’iki gitumye muyizitura? mumwishure, muti Databuja ni we ayigomba.


Kandi nawe, mwana, uzokwitwa umuntu avugishwa n’Īsumba vyose, Kuk’ uzokwītangira imbere y’Umwami Imana gutegūra inzira ziwe:


Umwami Yesu amubonye amutera akagongwe, aramubarira, ati Nta co urira.


Yohana ahamagara babiri mu bigishwa biwe, abatuma ku Mwami Yesu, ati Muti Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi?


Kuko Kristo atāntumye kubatiza, ariko yantumye kuvuga ubutumwa bgiza, ntavugishije ubgenge bg’amajambo, kugira ng’ umusaraba wa Kristo ntucīke ubusa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite