Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nikodemo aramubaza, at’ Ivyo bishoboka bite?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Nikodemu aramubaza ati: “None ivyo bishoboka bite?”

Gade chapit la Kopi




Yohana 3:9
9 Referans Kwoze  

Nuko benshi mu bigishwa biwe bavyumvise, baravuga, bat’ Iryo jambo riragoye: har’ uworyumva akarishobora?


Abayuda batanakw ibirake, bat’ Uyu ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwurye?


Mariya abaza umumarayika, at’ Ivyo bizobaho bite, ko ntaramenya icitwa umugabo?


Nzozana impumyi mu nzira zitazi, ndazirōngōre mu ndari zitari zizi, nzohindura umwiza ube umuco imbere yazo, n’ahagoramye nzohagorora. Ivyo nzobishitsa, sinzobaheba.


Nikodemo aramubaza, at’ Umuntu ashobora ate kuvyarwa ashaje? Mbega yoshobora gusubira mu nda ya nyina akavuka?


Arikw inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mu gatondotondo, Ugenda urushiriza gukayangana gushitsa hakeye rwose.


Umuyaga uhuhuta ah’ ugomba, nawe ukumva igihuhuta cawo, ariko ntumenye ah’ uva, n’ah’ uja; uko ni kw amera, ūvyawe na Mpwemu wese.


Yesu aramwishura, ati Ni wewe mwigisha w’Abisirayeli, kandi ntutahura ivyo?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite