Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 3:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe n’amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bgami bg’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana atavyawe n’amazi na Mpwemu.

Gade chapit la Kopi




Yohana 3:5
35 Referans Kwoze  

Petero arabishura, ati Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo Mpwemu Yera.


ngw aryeze, aryogesheje amazi n’ijambo,


Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bg’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūrah’ imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo,


Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.


N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana.


Uwizera akabatizwa azokizwa, arik’ ūtizera azotsindwa n’urubanza.


Ariko tweho ntitwāhawe impwemu y’iyi si, ariko twāhawe Mpwemu ava ku Mana, kugira ngo tumenye ivy’ Imana yatugabiye.


ni bo batāvyawe n’amaraso, canke n’ukwifuza kw’ umubiri, canke n’ukwifuza kw’ umugabo, ariko bāvyawe n’Imana.


Uwemera wese yuko Yesu ari Kristo, ni we yavyawe n’Imana; kand’ umuntu wese akunda uwo Muvyeyi, akunda n’uwavyawe na we.


Ko muzi yuk’ uwo ar’ umugororotsi, murazi yuk’ ūkora ivy’ ukugororoka wese yavyawe na we.


Kuko gukebga ata kimazi, no kudakebga nta kimazi, ikigira ikimazi n’icaremwe gisha.


Kuk’ ubgami bg’Imana atar’ ukurya n’ukunywa, ariko n’ukugororoka, n’amahoro, n’umunezero vyo muri Mpwemu Yera.


Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’ Umwana n’irya Mpwemu Yera;


arababgira, ati Ndababgire ukuri: Ni mutirimbura ngo mucike nk’abana bato, ntimuzoruha mwinjira mu bgami bgo mw ijuru.


mwatoranirijwe mu kweza kwa Mpwemu nk’ukw Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera, kugira ngo mwumvire Imana, mucucagirwe amaraso ya Yesu Kristo. Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge.


Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhēmbūka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana,


Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.


Ariko ndababgira yuk’ ukugororoka kwanyu ni kutaruta ukw’ abanyabgenge b’ivyanditswe n’ukw’ Abafarisayo, mutazoruha mwinjira mu bgami bgo mw ijuru.


Kukw ikingera ca Mpwemu w’ubugingo bgo muri Kristo Yesu cancunguye ngo singanzwe n’icangera c’icaha n’ic’ urupfu.


ati Mushishikare guca mw irembo ripfunganye: ndababgira yuko benshi bazogomba kuricamwo, ntibabishobore.


Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.


Kandi ndababgira yukw icoroshe ar’ ingamiya guca mu zuru ry’urushinge biruta k’umutunzi yinjira mu bgami bg’Imana.


None mur’ abo bompi n’uwuhe yakoze ivyo se agomba? Baramwishura, bati N’uwa mbere. Yesu arababgira, ati Ndababgira ukuri yukw abatozakori n’abasambanyikazi babatanga kwinjira mu bgami bg’Imana.


N’ijisho ryawe ni ryagutsitaza, urinogore; vyokubera vyiza kwinjira mu bgami bg’Imana upfuye ijisho, hāk’ utererwa muri Gehinomu ufise amaso yompi:


Maze Yesu abibonye, araraka, arababarira, ati Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze: kuk’ ubgami bg’Imana ar’ ubg’ abameze bartyo.


Nikodemo aramubaza, at’ Umuntu ashobora ate kuvyarwa ashaje? Mbega yoshobora gusubira mu nda ya nyina akavuka?


Ariko bene Data, ico mvuga n’iki, yukw ab’inyama n’amaraso badashobora kuragwa ubgami bg’Imana, kand’ ibibora bitaragwa ibitabora.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite