35 Se arakunda Umwana, kandi yamuhaye vyose, abishira mu kuboko kwiwe.
35 Se arakunda Umwana kandi yamuhaye kuganza vyose.
Yesu arabēgēra, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.
Kuko Se ata n’umwe acira urubanza, arikw imanza zose yazishikirije Umwana,
Kuko Se akunda Umwana, akamwereka ivy’ akora vyose ubgiwe, kand’ azomwereka ibikorwa biruta ivyo, kugira ngo mwebge mutangare.
Vyose nabihawe na Data; kandi nta wuzi Umwana uw’ ari we, atari Data: na Data nta wumuzi uw’ ari we atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.
nk’uko wamuhaye ububasha ku bafise umubiri bose, ngw abo wamuhaye bose abahe ubugingo budashira.
Vyose nabihawe na Data, kandi nta wuzi Umwana, atari Data, na Data, nta wumuzi, atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.
Kandi yamushikirije vyose, ibishira musi y’ibirenge vyiwe, kand’ imuha ishengero ngw abe umutwe waryo wo gusumba vyose,
Yesu yar’ azi ko Se yamuhaye vyose yabishize mu maboko yiwe, kandi ko yavuye ku Mana, kandi kw agira asubire ku Mana,
ar’i buryo bg’Imana, kuko yagiye mw ijuru, amaze guhabga gutwara abamarayika n’abanyabubasha n’abanyabushobozi.
Kuko handitswe, ngo Yamuhaye kuganza vyose, ibishira musi y’ibirenge vyiwe. Ariko kw ivuga, it’ Ahawe kuganza vyose; biraboneka yukw Iyamuhaye kuganza vyose itabiharūrwamwo.
Nsaba, nzoguha amahanga, az’ abe umwandu wawe, N’impera z’isi zize zibe ishamvu yawe.
mur’ iyi misi y’iherezo yabaririye twebge mu kanwa k’Umwana wayo, uwo yashiriyeho kuba samuragwa wa vyose, ni we yahaye kurema isi.
Nabamenyesheje izina ryawe, kandi nzoribamenyesha, ng’ urukundo wankunze rube muri bo, nanje mbe muri bo.
Jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, ngo bahīngūrwe babe umwe, kugira ngw isi imenye kw ari wewe wantumye, ukabakunda, nk’uko wankunze.
Nk’uko Data yankunze, ni ko nanje nabakunze: ni mugume mu rukundo rwanje.
Akivuga, haza igicu gikayangana, kibatera igitūtu; kand’ ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve.
Buno rer’ ijwi riva mw ijuru, rit’ Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.
Nguyu umushumba wanje, uwo nama nshigikiye, uwo natoranije, ahimbara umutima wanje: nashize Mpwemu wanje kuri we; azoshikana amateka mu banyamahanga.
Ico gihe nari kumwe na yo, nd’ umukozi w’umuhanga: Kand’ imisi yose narayihimbara, Nama niginagura imbere yayo;
Maz’ igihe igihugu cose ca Egiputa gitewe n’ inzara, abantu batakambira Farawo ngw abahe ivyo barya. Farawo abarira Abanyegiputa bose, ati Ni muje kuri Yosefu: ico ababarira mugikore.
Farawo abarira Yosefu, ati Jewe Farawo ndabivuze: nta wuzotaramura ukuboko canke ngw ashingure ikirenge mu gihugu cose ca Egiputa, utavyemeye.
Aca ahabga inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe: ingoma yiwe n’ingoma itazovaho, kand’ ubgami bgiwe n’ubgami butazohangura.