Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 3:33 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Uwemeye ugushinga intahe kwiwe aba ateye igikumu ngw Imana n’iy’ ukuri.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Ariko uwemera intahe yiwe wese aba yemeje ko Imana ivuga ukuri.

Gade chapit la Kopi




Yohana 3:33
17 Referans Kwoze  

Ni co catumye Imana, kukw igomba kurushiriza kwereka abaragwa b’ivyasezeranywe ingen’ imigabo yayo idahinduka, ishira hagati indahiro kuba umuhūza;


Muri we namwe mumaze kwumva ijambo ry’ukuri, ni ryo butumwa bgiza bg’agakiza kanyu, mumaze no kumwizera, ni ho mwashiriwekw ikimenyetso, ni co Mpwemu Yera yasezeranywe,


Kandi ni yo yadushizekw ikimenyetso, itugwatiriza Mpwemu wayo mu mitima yacu.


Ariko nk’ukw Imana ar’ iyo kwizerwa, ijambo tubabarira ntituvuga ngw Ego, maze ng’ Oya.


Ntimukorere ivyo kurya biyoka, ariko mukorere ivyo kurya bihoraho bizana ubugingo budashira, ni vyo Umwana w’umuntu azobaha, kukw ari we Imana Data yashizekw ikimenyetso.


Mfise ivyo kubabarira vyinshi, no kubacira urubanza. Kand’ uwantumye n’uw’ ukuri; ivyo namwumvanye ni vyo mvuga mw isi.


Kand’ ahabga ikimenyetso, ni kwo gukebga, kuba ikimenyetso c’ukugororoka kwavuye kuri kwa kwizera yar’ afise atarakebga, kugira ngw abe sekuruza w’abizera bose batākebge, ngo bibaharūrweko nk’ukugororoka;


Ni naheraheza ivyo, mmaze kubashikiriza neza izo mbuto z’ubuntu, nzovayo, nce i wanyu, nje i Sipaniya.


Namba ku bandi ntar’ intumwa, ariko kuri mwebge ndi yo: kuko mur’ ikimenyetso mu Mwami c’uko nd’intumwa.


Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, yabashiriweko kuba ikimenyetso, gushitsa ku musi wo gucungurwa.


Arikw itanguriro ry’Imana ryo kwubakako rirakomeye, ryanditswekw iki kimenyetso, ng’ Uhoraho arazi abiwe; kandi ng’ Umuntu wese avuga izina ry’Uhoraho ave mu kugabitanya.


Tuvuze yukw ata caha twakoze, tuba tuyigize umubeshi, kandi n’ijambo ryayo riba ritari muri twebge.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite