Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 3:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Baza aho Yohana ari, baramubgira, bati Mwigisha, uwo mwari kumwe hakurya ya Yorodani, umwe washingira intahe, erega na we arikw arabatiza, kandi bose baza kuri we.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Nuko baza aho Yohana ari bamubwira bati: “Rabi, wa muntu yari kumwe na we hakurya y’uruzi Yorodani, umwe washingira intahe, ariko arabatiza kandi abantu bose baja iyo ari.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 3:26
23 Referans Kwoze  

uwo yazanywe no kuba igishingantahe, ngw ashingire intahe umuco, kugira ngo bose bizere kubgiwe.


Arikw Abafarisayo bavugana muri bo, bati Murabona kw ata co mumaze: rāba isi yose yamukondoreye inyuma.


Ni twamurekeraho durtyo, bose bazohava bamwizera, kand’ Abaroma bazoza batikize igisagara cacu n’ubgoko bgacu.


Yohana amushingira intahe, arasemerera, at’ Uwo ni we navuze, nt’ Ūza inyuma yanje ni we yar’ uwa mbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho.


Ndirahiye, ijambo ry’ukuri rivuye mu kanwa kanje ritazokwirahuruzwa, yukw amavi yose azompfukamira, n’indimi zose zizondahira.


uwo aza kuri we mw ijoro, aramubgira, ati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umwigisha yavuye ku Mana, kukw ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk’ivyo ukora, shit’ Imana iri kumwe na we.


Umuco w’ukuri, wākira umuntu wese, warik’ uraza mur’ iyi si.


no kugirwako bgakeye mu tuguriro, no kwitwa n’abantu: Rabi.


Maze mbona ubutame bgose n’ igikorwa cose c’ubuhinga, yuko kubg’ ivyo umuntu agirirwa ishari na mugenzi we. Ivyo na vyo n’ ubusa, no guhahamira umuyaga.


Wewe wumva ivyo usabga, Abafise umubiri bose bazoza kuri wewe.


None, ntimukitwe Rabi, kuk’ umwigisha wanyu ar’ umwe, namwe mwese mur’ abavukana.


Umwami Yesu amenye kw Abafarisayo bumvise yukw aronka abigishwa benshi, kand’ abatiza benshi, arusha Yohana,


(ariko Yesu ubgiwe si we yabatiza, bār’ abigishwa biwe),


Batarashika, abigishwa baramwinginga, bati Mwigisha, enda fungura.


Mwebge mwatumye kuri Yohana, ashingira ukuri intahe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite