Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 3:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Havyuka ibihāri ku bigishwa ba Yohana n’Umuyuda ku vyo kwihumanura.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Bamwe mu bigishwa ba Yohana batangura guharira n’uwundi Muyuda umwe ku bijanye n’umugenzo wo kwihumanura.

Gade chapit la Kopi




Yohana 3:25
9 Referans Kwoze  

Hārih’ impange z’intango zitandatu z’amazi zabājwe mu mabuye, zateretsweho kubg’ ukwihumānura nk’uk’ umugenzo w’Abayuda war’ uri, imwe‐imwe yuzuzwa n’ibibindi bibiri canke bitatu.


no kwigisha ivyo kubatizwa n’ivyo kurambikwakw ibiganza, n’ivyo kuzuka kw’abapfuye, n’ivyo gucirwakw iteka kw’ibihe bidashira.


N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bg’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūrah’ imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo,


Nuko vyari bibereye kw ibigereranyo vy’ivyo mw ijuru vyozwa n’ivyo bimazi, ariko, ivyo mw ijuru ubgavyo bikozwa n’ibimazi biruta ivyo.


kukw ivyo, hamwe n’ivy’ ivyo kurya n’ivyo kunywa n’ivyo kwiyuhagira bo n’ukwoza vy’uburyo bginshi, ar’ amabgirizwa yo mu buryo bg’abantu gusa, yashinzwe gushitsa igihe co gutunganywa.


Ico Imana yageze murakireka ngo mwumire ku migenzo mwābgirijwe n’abantu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite