Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 3:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Kandi Yohana na we yabatiriza ahitwa Ayinoni, hafi y’i Salimu, kukw aho har’ amazi menshi, abantu bāraza bakabatizwa,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Ico gihe Yohana na we yariko arabatiriza ahitwa Ayinoni hafi y’i Salimu, kuko hari amazi menshi, kandi abantu baguma baza kubatizwa.

Gade chapit la Kopi




Yohana 3:23
13 Referans Kwoze  

Nukw abgira ishengero ryari rivuye i wabo rije kubatizwa na we, ati Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababūriye ngo muhunge uburake buzoza?


ngize ntya mbona ubgiza bg’Imana y’ Abisirayeli buje buturutse mu nzira y’i burasirazuba. Ijwi ryayo ryari rimeze nk’ugusūma kw’ amazi menshi; isi ikayanganishwa n’ubgiza bgayo.


Nyoko yar’ ameze nk’umuzabibu, nk’uko nawe umeze, nk’ umuzabibu watewe hafi y’amazi, wama cane, ukagira amashami menshi, kubgo kuba ku mazi abugereye.


Ewe uba ku materaniro y’amazi menshi, ukaba mu bihinda vy’ubutunzi, umuhero wawe urashitse, ipfa ryo kudahāga kwawe riraherewe.


Nuko baca mu mugamba w’Abefurayimu no mu ntāra y’i Shalisha, ntibāzibona. Maze baca mu ntāra y’i Shalimu barazibura, baca no mu ntāra y’ Ababenyamini, na ho nyene ntibāzibona.


Nuko Yakobo avuye i Padan‐aramu ashika amahoro mu gisagara ca Shekemu, co mu gihugu c’i Kanani; ashinga amahema imbere y’igisagara.


Numva ikimeze nk’ijwi ry’ishengero rinini, n’ikimeze nk’ugusūma kw’amazi menshi, n’ikimeze nk’ijwi ry’imituragaro ihambaye, kivuga, kiti Haleluya, kuk’ Umwami Imana yacu ishobora vyose ihangamye.


Numva ijwi rivuye mw ijuru, nk’iry’ amazi menshi asūma, kandi nk’iry’ inkuba ituragara cane: kand’ iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’ abacuraranzi bacuraranga inanga zabo.


ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa w’umwakaka, utukujwe n’umuriro; n’ijwi ryiwe ryari rimeze nk’iry’ amazi menshi asūma,


Hanyuma y’ivyo Yesu ajana n’abigishwa biwe mu gihugu c’i Yudaya, atebanayo na bo, abatiza.


kuko Yohana atāribgashirwe mw ibohero.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite