Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 3:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Arik’ ūkora ivy’ ukuri aza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe biseruke ko vyakorewe mu Mana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Ariko umuntu wese akora ivy’ukuri yegera umuco, kugira ngo bigaragare ko ivyo akora abikorera mu kwubaha Imana.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 3:21
31 Referans Kwoze  

Tuvuze yuko dufatanije na yo, tukagendera mu mwiza, kuba ar’ ukubesha, ntituba dukora ivy’ ukuri.


Mukundwa, ntukīgāne ikibi, ariko wīgāne iciza. Ūkora ivyiza ni we w’Imana; ūkora ibibi ntiyabonye Imana.


kukw imbuto y’umuco iboneka mu ngeso nziza zose no mu kugororoka no mu kuri.


Ijambo ryawe n’itara rimurikira ibirenge vyanje, N’umuco umurikira mu nzira yanje.


Kukw Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara.


Ūbiba mu buryo bg’umubiri azokwimbura ukubora mu mubiri; arik’ ūbiba muri Mpwemu azokwimbura muri Mpwemu ubugingo budashira.


Umutima wanje utungane mu vyo washinze, Noye kuzomāramāra.


Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.


ibe ari yo ibatunganya rwose mu ciza cose, kugira ngo mukore ivy’ igomba, ikorera muri twebge ibishimwa mu nyonga zayo, kubga Yesu Kristo: icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amen.


ico ni co kintamisha, mbirwanira nk’uk’ ubushobozi bgiwe buri, bunkoreramwo bishimitse.


mwuzuye imbuto zo kugororoka ziheshwa na Yesu Kristo, ngo muheshe Imana icubahiro n’ishimwe.


Mwebge murasesa mu vyanditswe, kuko mugira ngo muri vyo ni ho mufise ubugingo budashira, kand’ ari vyo binshingira intahe,


Yesu abona Natanayeli aza kuri we, amuvugako, at’ Ehe Umwisirayeli vy’ukuri, atarimw’ ubugunge.


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Arik’ ubuntu bg’Imana ni bgo bgatumye mba uko ndi, kand’ ubuntu bgayo nagiriwe ntibgabaye ubg’ ubusa, ariko natamye kurusha bose; ariko si jewe yamara n’ubuntu bg’Imana bgari kumwe nanje.


Efurayimu azovuga, ati Turacahūriye hehe n’ibigirwamana? Naramwishuye, kandi nzomushirak’ umutima. Mmeze nk’igiti c’akajwari gitotahaye: imbuto zawe ni jewe zandurukako.


Uhoraho, uzoturonsa impore, kukw ivyo dukora vyose ari wewe ubidusohoreza.


ngo Ndazi ibikorwa vyawe, yuk’ udakonje kandi ntubire. Icompa ugakonja cank’ ukabira!


Dusubire ku vyagezwe no kuri vya Bishinga intahe! Ni batāvuga ibihwanye na vyo bazoba mu bgirantibuce.


Kuk’ ūkora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe ntibihanwe.


Ni hāba har’ ūgomba gukora ivyo uwo akunda, azomenya izi nyigisho, ko zavuye ku Mana, canke ko mbivuga mvyigeneye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite