Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 3:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kukw Imana itātumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Erega Imana ntiyatumye Umwana wayo kw’isi gucira urubanza abari kw’isi, ahubwo yamutumye kugira ngo ibakize biciye muri we.

Gade chapit la Kopi




Yohana 3:17
36 Referans Kwoze  

Natwe twarabibonye, tubishingira intahe, yuko Data wa twese yatumye Umwana wiwe kuba Umukiza w’isi yose.


Kand’ Umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye.


Nk’uko Data w’ubugingo yantumye, nanje ndiho kubga Data, ni k’ūndya na we azobaho kubganje.


Kukw iki ari co Data agomba: agomba yuk’ ūbona Umwana wese akamwizera, agira ubugingo budashira, nanje nkazomuzura ku musi w’iherezo.


Yesu na we arabishura, at’ Igikorwa c’Imana ngiki: n’uko mwizera uwo yatumye.


Yesu yongera kubabgira, at’ Amahoro abe muri mwebge. Nk’uko Data yantumye ni ko nanje mbatumye.


kand’ uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo s’iy’ ivyacu twenyene, ariko n’iy’ ivy’ abari mw isi bose.


Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.


Jewe nari nsanzwe nzi k’unyumviriza ubudasība, ariko mbivugishijwe n’ishengero rihagaze ngaha, kugira ngo bizere kw ari wewe wantumye.


jeho ndamuzi, kuko navuye kuri we, kand’ ari we yantumye.


Ntimugire ngo nzobarega kuri Data: harih’ ūbarega, ni Mose uwo mwishimiye.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Yesu arababgira, at’ Iy’ Imana iba ari So, muba munkunda, kuko jewe naje mvuye ku Mana; sinaje nitumye, ariko ni yo yantumye.


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


kukw amajambo wampaye nayabahaye, na bo bakayākīra, bakamenya vy’ukuri ko naturutse kuri wewe; bakizera kw ari wewe wantumye.


mwebge mubgira mute uwo Data yejeje, akamutuma mw isi, ng’ Urarogose, kuko navuze nti Nd’ Umwana w’Imana?


Ariko jewe mfise ikinshingira intahe kuruta Yohana, kukw ibikorwa Data yampaye ngo mbiheraheze, ivyo bikorwa nyene nkora ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye.


kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye.


bitayeko ntimufise ijambo ryiwe riguma muri mwebge, kuk’ uwo yatumye mutamwizeye.


ngo Rāba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe.


Mwirinde ntimukēngēre n’umwe mur’ aba bana bato: ndababgira yuko mw ijuru abamarayika babo bama barāba mu nyonga ha Data wo mw ijuru. [


Nuko baja mu yindi mihana.


Uwo Imana yatumye, ni we avuga amajambo y’Imana, kukw idatanga Mpwemu ku ngero.


Kuko ntākūwe mw ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivy’ uwantumye agomba.


Na we ati Nta n’umwe, Mugenzi. Yesu aramubgira, ati Nanje singucira urubanza. Ni wīgīre, guhēra ubu ntuz’ usubire gukora icaha.]


Nk’uko wantumye mw isi, ni ko nanje nabatumye mw isi:


Jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, ngo bahīngūrwe babe umwe, kugira ngw isi imenye kw ari wewe wantumye, ukabakunda, nk’uko wankunze.


Data ugororotse, isi ntiyakumenye, ariko jewe narakumenye, n’aba na bo bamenye kw ari wewe wantumye.


Kand’ Umwana w’umuntu yaje gukiza icari cazimiye.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite