Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 3:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kand’ uko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, ni k’Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Nk’uko Mose yamanitse inzoka ku giti mu bugaragwa, ni ko n’Umwana w’Umuntu ategerezwa kumanikwa,

Gade chapit la Kopi




Yohana 3:14
16 Referans Kwoze  

Nuko Yesu arababgira, at’ Aho muzomanikira Umwana w’umuntu, ni ho muzomenya ko ndi We, kandi kw ata co nkora nigeneye; uko Data yanyigishije, ni ko mbivuga.


uwo muntu amaze gutangwa nk’ukw Imana yabigabiye yikomvomvoye, ibimenye bitaribgabe, mumubambisha amaboko y’abagarariji, muramwica.


Non’ ivyanditswe vyoshika bite kw ari ko bikwiye kuba?


Kukw imbga zinkikije, Umurwi w’inkozi z’ibibi wantaye hagati; Bantoboye ibiganza n’ibirenge.


Akūrah’ ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi, amenagura amabuye bāshinze, atemagura inkingi bāshingiye Ashera; amenagura igishushanyo c’inzoka Mose yacuze mu muringa; kuko gushitsa ico gihe Abisirayeli bācosereza imibavu; bācita Nehushitani.


n’ivy’ ukw abaherezi bakuru n’abashingantahe bacu bāmutanze ngw acirwe urubanza rwo gupfa, bakamubamba.


Maze kur’ uwo musi igishitsi ca Isayi kizoba gihagaritswe no kubera amoko ibendera, ico gishitsi ni co amahanga azobariritsa: kand’ uburuhukiro bgiwe buzogira icubahiro.


Yesu aramubgira, at’ Imbgebge ziri n’imyobo, n’ibiguruka mu kirēre biri n’ivyari; arik’ Umwana w’umuntu we ntagira ah’ arambika umusaya.


Ni jewe mutsima w’ubugingo wamanutse uvuye mw ijuru; ni hagira ūrya kur’ uwo mutsima azohorah’ ibihe bidashira: kand’ umutsima nzobaha n’umubiri wanje, utangirwa abari mw isi ngo bagire ubugingo.


Ngw ijambo rya Yesu rishike, iryo yavuze abamenyesha urupfu azopfa urw’ ari rwo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite