Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 3:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Nta wadūze mw ijuru, atar’ uwamanutse ava mw ijuru, ni we Mwana w’umuntu wo mw ijuru.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Nta n’umwe arigera aduga mw’ijuru, kiretse Umwana w’Umuntu yamanutse avayo.

Gade chapit la Kopi




Yohana 3:13
24 Referans Kwoze  

Ni nde yadūze mw ijuru, akamanuka? Ni nde yakoranirije umuyaga mu bipfunsi vyiwe? Ni nde yatēkeye amazi mu mwambaro wiwe? Ni nde yashimangiye impera zose z’isi? Izina ryiwe ni nde, cank’ izina ry’umwana wiwe, namba worimenya?


Kuko ntākūwe mw ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivy’ uwantumye agomba.


Kandi Dawidi ntiyadūze mw ijuru, arik’ ubgiwe yaravuze, at’ Uhoraho yabariye Umwami wanje, At’ Icara i buryo bganje,


Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w’ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije.


Umuntu wa mbere yandurutse mw ivu, n’uw’ umukungugu: umuntu wa kabiri yandurutse mw ijuru.


Yesu yar’ azi ko Se yamuhaye vyose yabishize mu maboko yiwe, kandi ko yavuye ku Mana, kandi kw agira asubire ku Mana,


Arik’ ukugororoka kuva ku kwizera kuvuga gurtya, ngo Ntiwibaze, uti Ni nde azodūga, ngw aje mw ijuru? (risobanurwa ngo kumanukana Kristo),


None bizomera bite ni mwabona Umwana w’umuntu adūga aja iyo yahora ubga mbere?


Uwavuye hejuru ni we asumba bose, uwo mw isi aba ar’ uwo mw isi nyene, avuga ivy’ isi; uwavuye mw ijuru ni we asumba bose.


S’ukugira ngo har’ uwabonye Data, atar’ uwavuye ku Mana: uwo ni we yabonye Data.


Bat’ Uyu si we Yesu mwene Yosefu? Na se na nyina turabazi: non’ avuga ate ngo Namanutse mva mw ijuru?


Ntibiri mw ijuru, ngo muvuge, muti Ni nde yotudūgira mw ijuru, kugira ngw abituzanire, ngo tuvyumvire, tuvyitondere?


Na none Data, unshimagizanye nawe, unshimagirishije bga bgiza nahoranye ndi kumwe nawe, isi itararemwa.


Yesu arababgira, at’ Iy’ Imana iba ari So, muba munkunda, kuko jewe naje mvuye ku Mana; sinaje nitumye, ariko ni yo yantumye.


Ni jewe mutsima w’ubugingo wamanutse uvuye mw ijuru; ni hagira ūrya kur’ uwo mutsima azohorah’ ibihe bidashira: kand’ umutsima nzobaha n’umubiri wanje, utangirwa abari mw isi ngo bagire ubugingo.


Kuk’ umutsima w’Imana ar’ ūmanuka uva mw ijuru, ugaha abari mw isi ubugingo.


Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yayo.


mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.


ni ryo mubiri wiwe, unengesereye ūnengesera vyose hose.


Yesu aramubgira, at’ Imbgebge ziri n’imyobo, n’ibiguruka mu kirēre biri n’ivyari; arik’ Umwana w’umuntu we ntagira ah’ arambika umusaya.


Ko nababgiye ivy’ isi ntimwemere, none muzokwemera mute ni nababgira ivy’ ijuru?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite