Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 3:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ko nababgiye ivy’ isi ntimwemere, none muzokwemera mute ni nababgira ivy’ ijuru?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Nimba nababwiye ibintu vyo kw’isi ntimwizere, mwoshobora mute kwizera ndababwiye ivyo mw’ijuru?

Gade chapit la Kopi




Yohana 3:12
13 Referans Kwoze  

Tumufiseko vyinshi vyo kuvuga, kandi bigoye isobanura, kuko mwabaye ibitumva.


Umuyaga uhuhuta ah’ ugomba, nawe ukumva igihuhuta cawo, ariko ntumenye ah’ uva, n’ah’ uja; uko ni kw amera, ūvyawe na Mpwemu wese.


Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe n’amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bgami bg’Imana.


Iki ni co kirimw’ urukundo, s’uko twebge twakunze Imana, ariko n’ukw ari yo yadukunze, igatuma Umwana wayo kuba impongano y’ivyaha vyacu.


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana.


N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Twebge tuvuga ico tuzi, kandi dushingira intahe ico twabonye; ariko ntimwemera igishingantahe cacu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite