Yohana 3:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)11 N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Twebge tuvuga ico tuzi, kandi dushingira intahe ico twabonye; ariko ntimwemera igishingantahe cacu. Gade chapit laBibiliya mu Kirundi coroshe11 Ndakubwire ukuri, twebwe tuvuga ivyo tuzi, kandi dushingira intahe ivyo twabonye, ariko ntimwemera intahe yacu. Gade chapit la |
Mbeg’ aho naza, n’iki catumye ntagira uwo ndahasanga, ngahamagara, ntihagire uwitaba? Mbeg’ ukuboko kwanje kwabaye kugufi ngo kunanirwe gucungura? Canke se nta bubasha mfise bgo kurokora? Ereg’ iyo nkankamiye ikiyaga ndagikamya, inzūzi ndazihindura ubugaragwa; amafi yari muri zo aranuka, kukw ata mazi ariho, yatikijwe n’inyota.