Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 3:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Yesu aramwishura, ati Ni wewe mwigisha w’Abisirayeli, kandi ntutahura ivyo?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Yesu aramwishura ati: “Wewe ko uri umwigisha yubashwe muri Isirayeli, bigenda gute ngo ntutahure ibi?

Gade chapit la Kopi




Yohana 3:10
28 Referans Kwoze  

Yesu arabishura, ati Mwarazimiye, ko mutāmenye ivyanditswe n’ubushobozi bg’Imana.


Nanje nzobaha umutima umwe, mbashiremw’ impwemu nsha; nzokūra umutima ukomeye nk’ibuye mu mibiri yabo, mbahe umutima woroshe nk’inyama;


Ni mubareke! N’impumyi zijana izindi. Arikw impumyi yojana iyindi mpumyi zompi zogwa mu cobo.


Mur’ ico gihe Yesu aravuga, ati Ndaguhimbaza, Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya.


Arikw iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’ iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.


Abashibamyi biwe n’impumyi, bose nta co bazi; bose ni nk’imbga z’ibiyingiyingi, zitazi gukuga; bararavūta, bararyama, bakunda gusinzira.


Kukw abarōngōra ubu bgoko babuzimiza, kand’ abarōngōwe na bo barahona.


N’ukuri Imana igirira neza Abisirayeli, Abafise imitima itanduye.


Mana, undememw’ umutima utunganye: Unsubizemw’ umutima uhamye.


Rāba, ugomba ukuri hirya mu mutima, Mu bgigobeko bgawo uzommenyesha ubgenge.


Kand’ umuhungu wanje Salomo umuhe kwitondera ivyagezwe vyawe n’ amabgirizwa yawe n’ivyo washinze, kugira ngw avyitondere n’ umutima wose, kand’ akore n’ivyo vyose, yubake n’iyo ngoro niteguye ivyayo.


Kand’ Uhoraho Imana yanyu azokūrah’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, n’ukwo mu mitima y’uruvyaro rwanyu, kugira ngo mumukundishe imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, mubone kubaho.


Nuko mukūreh’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, kandi ntimukomeze kugamika amazosi.


Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;


Kuk’ Umuyuda wo ku rukoba atari we Muyuda; kand’ ugukebga kwo ku rukoba kwo ku mubiri atari kwo gukebga.


Kandi muri we mwākebge ugukebga kutar’ ukw’ intoke, hamwe mwiyambura akameremere k’umubiri, ni kwo gukebga kwo muri Kristo;


Hashize imisi itatu bamubona mu rusengero, yicaye mu bigisha hagati, abumva, kand’ ababaza.


Ku musi umwe muri yo yarigisha. Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe bāri bicayeho, bavuye mu mihana yose y’i Galilaya n’i Yudaya n’i Yerusalemu; kand’ ubushobozi bg’Umwami Imana bgari muri we bgo gukiza indwara.


Nikodemo aramubaza, at’ Ivyo bishoboka bite?


Maze hahaguruka umwe mw ikombe, w’Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, umwigisha w’ivyagezwe, yubahwa n’abantu bose, avuga ko bataramura abo bantu akanya gato.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite