Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 21:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Wa mwigishwa Yesu yakunda abgira Petero, ati N’Umwami Yesu. Simoni Petero yumvise kw ar’ Umwami, akenyera impuzu, kuko yari gusa, araheza yikubita mu kiyaga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Wa mwigishwa Yesu yakunda abwira Petero ati: “Ni Umwami!” Simoni Petero yumvise ko ari Umwami, aca yambara impuzu yiwe yo hejuru (kuko yari yayikuye) asimbira mu mazi.

Gade chapit la Kopi




Yohana 21:7
20 Referans Kwoze  

Hārih’ umwe mu bigishwa biwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bariko bararya, umwe Yesu yakunda.


agenda ariruka ashikīra Simoni Petero na wa mwigishwa wundi Yesu yakunda, arababgira, ati Bākūye Umwami Yesu mu mva, kandi ntituzi aho bāmushize.


Yesu abonye nyina na wa mwigishwa yakunda ahagazeho, abarira nyina, ati Nyina wanje, nguyo umwana wawe.


Kuk’ urukundo rwa Kristo rutugōbēra, kand’ ico tuzi tudakekeranya n’uk’ umwe yapfiriye bose, nuko rero bose bārapfuye.


Uwo ni wa mwigishwa yashingiye intahe ivyo, kandi ni we yavyanditse, kandi natwe tuzi yukw intahe yiwe ar’ iy’ ukuri.


Petero arakebuka, abona wa mwigishwa Yesu yakunda abakurikiye, umwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu hamwe bāsangira, akamubaza, ati Mugenzi, ni nde azokugura?


Ijambo Imana yatumye ku Bisirayeli, ivugisha Yesu Kristo ubutumwa bgiza bg’amahoro, ni we Mwami wa bose;


Nukw abo mu muryango wa Isirayeli bose, ni bamenye badakekeranya yukw Imana yamugize Umwami na Kristo, Yesu umwe mwābamba.


Iki ni co gitumye nkubgira yukw ahariwe vya vyaha vyiwe vyinshi; kuko yagize urukundo rwinshi: arik’ ūhariwe bike agira urukundo ruke.


Uyu musi Umukiza abavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo Umwami.


Kandi ni hagira ūbabaza, at’ Ivyo mubikoreye iki? Mumwishure, muti Databuja ni we ayigomba. Uwo mwanya arayirungika ino.


Amazi n’iyo yoba menshi ntiyozimya urukundo, N’inzūzi zuzuye ntizorurenga hejuru. Umuntu yotanga ivy’ afise vyose mu rugo rwiwe, ngw aje kugura urukundo, Yogawa rwose!


Ivyo vyavuye k’Uhoraho, Kandi n’igitangaza mu maso yacu.


Bene Data, kwizera Umwami wacu Yesu Kristo w’ubgiza ntikubemwo kurobanura abantu ku cubahiro.


Umuntu wa mbere yandurutse mw ivu, n’uw’ umukungugu: umuntu wa kabiri yandurutse mw ijuru.


Toma aramwishura, ati Mwami wanje, kandi Mana yanje.


Amaze kuvuga artyo, abereka ibiganza vyiwe no mu rubavu. Maz’ abigishwa baranezerwa, babonye Umwami.


Mwame mukenyeye, kand’ amatara yanyu yame yaka:


Arikw abandi bigishwa baza mu bgato, kuko bari hafi y’umusenyi, hāri nk’intambuko ijana, bakwega urusenga rurimw’ ifi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite