Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 21:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Ariko hariho n’ibindi vyinshi Yesu yakoze, vyokwandikwa bidondowe kimwe‐kimwe, ngira ngo n’isi na yo ntiyokwirwamw’ ibitabo vyokwanditswe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Yesu yarakoze n’ibindi bintu vyinshi. Iyo vyose vyandikwa, nibaza ko n’isi yose itokwiwemwo ibitabu vyokwanditswe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 21:25
12 Referans Kwoze  

Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi, Bo n’ivyo wiyumvira kutugirira; Nta wogereranywa nawe. Nogomba kubidonda no kubivuga Birenze uko vyoharūrwa.


Akanwa kanje kazovuga inkuru y’ukugororoka kwawe, N’iy’ agakiza kawe umusi wīre: Kuko ntazi igitigiri cavyo.


Erega n’ivyo n’ubusunwa gusa bg’inzira zayo: Kandi n’ivyo twumva kuri yo ni nk’utwongorerano dutoya! Non’ imyasano y’ububasha bgayo ni nde yoshobora kuyitahura?


Mvuge ikindi ki? Kukw igihe condengana ndondoye ivya Gideyoni n’ivya Baraki n’ivya Samusoni n’ivya Yefuta n’ivya Dawidi n’ivya Samweli n’ivy’ abāvugishwa n’Imana,


rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.


Nabahaye akarorero muri vyose, yuko mu butame nk’ubgo, ari ko mukwiye gufasha abadakomeye, no kwibuka amajambo y’Umwami Yesu, ingen’ ubgiwe yavuze, ati Gutanga kuzana umugisha, kuruta guhabga.


Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.


Ibisigaye, mwana wanje, uhanurwe: kwandika ibitabo vyinshi ntikugira iherezo; kand’ ukwiga cane kuruhisha umubiri.


Maze Amaziya umuherezi w’i Beteli atuma kuri Yerobowamu umwami w’Abisirayeli, uti Amosi yagutereye abantu umugararizo mu b’inzu ya Isirayeli: igihugu nta ho cotorana itiro amagambo yiwe n’ukw angana.


Kandi ndababgira yukw icoroshe ar’ ingamiya guca mu zuru ry’urushinge biruta k’umutunzi yinjira mu bgami bg’Imana.


Abābibonye babadondera ivy’ uwari yinjiwemwo n’abadayimoni n’ivy’ ingurube.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite