Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 21:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Ni co catumye iri jambo rikwira muri bene Data, ng’ uwo mwigishwa ntazopfa. Ariko Yesu ntiyamubgiye kw atazopfa, ariko yavuze, ati Namba ngomba kw agumaho kugeza aho nzozira, upfa iki?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Ivyo vyatumye haba ibihuha hagati mu bizera ko uwo mwigishwa atazopfa. Ariko Yesu ntiyavuze ngo ntazopfa; yavuze ati: “Nimba nshaka ko abaho gushika ngarutse, ivyo bigutwaye iki?”

Gade chapit la Kopi




Yohana 21:23
12 Referans Kwoze  

N’iki gituma uyihāririza? Kukw ata co yirirwa isobanura mu vyayo.


Ibikir’ amabanga n’ivy’ Uhoraho Imana yacu, arikw ibimaze guhishurwa n’ivyacu n’uruvyaro rwacu ibihe vyose, kugira ngo twitondere amajambo yose y’ibi vyagezwe.


Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,


Kand’ ababa kw isi bose ibagereranya n’ubusa, kand’ ikora ukw igomba mu ngabo zo mw ijuru, no mu baba kw isi; kandi nta wushobora kubuza ukuboko kwayo, canke kuyibaza, at’ Ukora iki?


Maz’ ibgira abantu, Iti Rāba kwubaha Uhoraho ni bgo bgenge, Kandi kuva mu vyaha ni kwo gutahura.


Kuk’ Umwana w’umuntu azohava aza afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika biwe; ni ho azoca yishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.


Nuko, bene Data, ni murābe muri mwebge abantu ndwi bashimwa, buzuye Mpwemu Yera n’ubgenge, tubashire kur’ iki gikorwa.


Tuhasanga bene Data bamwe, baratwinginga ngo tumarane na bo imisi ndwi: uko ni ko twashitse i Roma.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


Uko murya uwo mutsima kand’ uko munywera kur’ ico gikombe, muba mumenyekanisha urupfu rw’Umwami wacu, kugeza ah’ azozira.


Nuko bene Data, mwihangane mushitse ah’ Umwami Yesu azozira. Eh’ umurimyi arorēra imirima myiza, ayirīndīra yihanganye, gushitsa ah’ izoronkera imvura y’agatāsi n’iy’ urushana.


ko mwumira ku co mufise mugashitsa aho nzozira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite