Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 21:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Yesu aramwishura, ati Namba ngomba kw azogumaho kugeza aho nzozira, upfa iki? Wewe nkurikira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Yesu aramwishura ati: “Nimba nshaka ko abaho gushika ngarutse, ivyo bigutwaye iki? Wewe nkurikira gusa.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 21:22
20 Referans Kwoze  

Arababgira, ati Ndababgira ukuri: mur’ aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera ubgami bg’Imana buzananye n’ubushobozi.


ko mwumira ku co mufise mugashitsa aho nzozira.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


Ngira nze vuba: wumire ku co ufise, ntihagire ūgutwara igitsibo cawe.


Nuko bene Data, mwihangane mushitse ah’ Umwami Yesu azozira. Eh’ umurimyi arorēra imirima myiza, ayirīndīra yihanganye, gushitsa ah’ izoronkera imvura y’agatāsi n’iy’ urushana.


Uko murya uwo mutsima kand’ uko munywera kur’ ico gikombe, muba mumenyekanisha urupfu rw’Umwami wacu, kugeza ah’ azozira.


Icatumye avuga artyo, kwar’ ukwerekana urupfu azopfa, ashimagirisha Imana. Amaze kuvuga artyo, aramubarira, ati Nkurikira.


Nuko namwe mwame mwiteguye, kuk’ Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.


Ūshingira intahe ivyo, aravuga, at’ Ego me, ndaza vuba. Amen, urakaza, Mwami Yesu.


Kand’ ehe ndaza vuba. Hahirwa uwitondera amajambo yavugishijwe yo mur’ iki gitabo.


Eh’ arazanana n’ibicu, kand’ ijisho ryose rizomwibonera, n’abāmucumise bazomubona: kand’ amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we. Ni ko biri. Amen.


Arik’ Umwana w’umuntu ah’ azozira afise ubgiza bgiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubgiza:


Nk’uk’ umuravyo urabiriza i burasirazuba ukabonekera iyo rirengera, ni k’ukuza kw’Umwana w’umuntu kuzomera.


Yicaye ku musozi wa Elayono, abigishwa biwe baramwēgēra bihereranye, baramubaza, bati Tubgire, ivyo bizobaho ryari, kand’ ikimenyetso kizoba iki c’ukuza kwawe n’ic’ umuhero w’isi?


Ariko Yesu aramubgira, ati Nkurikira, reka abapfuye bahambe abapfuye babo.


Buno Yesu abgira abigishwa biwe, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire.


Nuko Petero amubonye, abaza Yesu, ati Mugenzi, uyu we bizoba bite?


Non’ ivyizigiro vyacu n’iki, cank’ umunezero, cank’ igitsibo co mu mutwe twirata? Mbega si mwebge, imbere y’Umwami wacu Yesu ah’ azozira?


Nuko namwe mwihangane, mureme mu mitima, kuk’ ukuza kw’Umwami kuri hafi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite