Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 21:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Simoni Petero na Toma ari we Hasa bāri kumwe na Natanayeli w’i Kana i Galilaya, na bene Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Simoni Petero, Toma (uwo batazira Ihasa), Natanayeli w’i Kana i Galilaya, abahungu ba Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri bari kumwe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 21:2
12 Referans Kwoze  

Maz’ asubira kuja i Kana i Galilaya, hamwe yahindurira amazi agacika vino. Hār’ umutware atwarira umwami, umwana wiwe w’umuhungu yar’ arwariye i Kaperinawumu;


Filipo abona Natanayeli, aramubgira, at, Uwo Mose yanditse mu vyagezwe, n’abāvugishwa n’Imana bakamwandika, twamubonye, ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.


Toma aramwishura, ati Mwami wanje, kandi Mana yanje.


Toma ari we Hasa abgira abigishwa bagenzi biwe, ati Ngo tugende, dupfane na Yesu.


Iryo ni ryo tanguriro ry’ibimenyetso Yesu yakoze ar’i Kana i Galilaya, yerekana ubgiza bgiwe; kand’ abigishwa biwe baramwizera.


Na Yakobo na Yohana bene Zebedayo na bo baratangara, bari bafatanije na Simoni. Yesu abgira Simoni, ati Nta co utinya, uhereye none uzoroba abantu.


n’i Eburoni n’i Rehoba n’i Hamoni n’i Kana, gushika no kuri ca gisagara kinini Sidoni;


na Filipo na Barutolomayo na Toma na Matayo umutozakori, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo,


Yīgiye imbere gato, abona Yakobo mwene Zebedayo na Yohana mwene nyina, na bo bari mu bgato basana insenga.


Ku musi ugira gatatu haba ubukwe i Kana i Galilaya, kandi nyina wa Yesu ni ho yar’ ari.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite