Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 21:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Icatumye avuga artyo, kwar’ ukwerekana urupfu azopfa, ashimagirisha Imana. Amaze kuvuga artyo, aramubarira, ati Nkurikira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Yesu yavuze ivyo ashaka kwerekana urupfu Petero azopfa ahesha Imana icubahiro. Aca abwira Petero ati: “Nkurikira!”

Gade chapit la Kopi




Yohana 21:19
17 Referans Kwoze  

Kuko nzi yukw igihe co kwamburwa urusago rwanje kiza kuza gitebutse, nk’uk’ Umwami wacu Yesu Kristo yammenyesheje.


Yesu aramwishura, ati Namba ngomba kw azogumaho kugeza aho nzozira, upfa iki? Wewe nkurikira.


Kand’ ūtikoreye umusaraba wiwe ngw ankurikire, ntaba ankwiye.


nk’uko niteze cane nkizigira yuko hatazogira ikintu kimmāramāza, ariko ko mu bushizi bg’amanga bganje bgose Kristo aheshwe icubahiro n’umubiri wanje, nk’uko bihora biba, na none kw ari ko bizoba, naho noba ndiho canke naho noba mpfuye.


Avuga ivyo ar’ukubamenyesha urupfu agira apfe.


Maze Samweli yishura abantu, ati Nta co mutinya: ivyo bibi vyose mwarabikoze koko; ariko noneho ntimukikame ngo mureke gukurikira Uhoraho; ariko musabishe Uhoraho imitima yanyu yose.


Ngw ijambo rya Yesu rishike, iryo yavuze abamenyesha urupfu azopfa urw’ ari rwo.


Ni hagira ūnkorera, n’ankurikire, kand’ aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba: ni hagira ūnkorera, Data azomuha icubahiro.


Yesu arababgira, ati Ndababgira ukuri yuko mwebge abankurikiye, ah’ Umwana w’umuntu azovyagirira ku ntebe y’ubgiza bgiwe, igihe co kuvyarwa ukundi gusha, namwe muzokwicara ku ntebe cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.


shit’ umusavyi wanje Kalebu, kuko yari n’uwundi mutima utari nk’uwabo, akankurikira muri vyose, uyo we nzomujana mu gihugu yagiyemwo, kand’ uruvyaro rwiwe ruzocegukira.


Ariko Yesu aramubgira, ati Nkurikira, reka abapfuye bahambe abapfuye babo.


N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Ukir’ umusore, warikenyeza, ukaja ah’ ugomba; arikw ah’ uzosāzira, uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, akujane ah’ utagomba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite