Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 21:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Ukir’ umusore, warikenyeza, ukaja ah’ ugomba; arikw ah’ uzosāzira, uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, akujane ah’ utagomba.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Ndakubwire ukuri, ukiri muto wariyambika ukaja aho ushaka; ariko niwasaza, uzogorora amaboko yawe, uwundi muntu akwambike akujane aho udashaka kuja.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 21:18
8 Referans Kwoze  

Simoni Petero aramubaza, ati Mugenzi, uja hehe? Yesu aramwishura, at’ Aho nja ntushobora kunkurikira ubu, arik’ uzonkurikira hanyuma.


Aza aho turi, yābīra umukanda wa Paulo, awibohesha amaguru n’amaboko, aravuga, at’ Uku ni ko Mpwemu Yera agize: Nyen’ uyu mukanda, uku ni kw Abayuda bazomubohera i Yerusalemu, bazomushira mu maboko y’abanyamahanga.


Kuko twebge abari mur’ uru rusago tuniha turemerewe, s’uko tugomba kwamburwa, ariko tugomba kwambikirwa kuri rwo, ngw igipfa kimirwe n’ubugingo.


Hahirwa abo bashumba, abo shebuja azoza agasanga bari maso: ndababgire ukuri: Azokenyera, abicarike, aze, abagaburire.


Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.


Icatumye avuga artyo, kwar’ ukwerekana urupfu azopfa, ashimagirisha Imana. Amaze kuvuga artyo, aramubarira, ati Nkurikira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite