Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 21:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Yongera kumubaza ubugira kabiri, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urankunda? Na we at’ Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera. Aramubgira, ati Ragira intama zanje.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Yesu yongera kubaza Petero ati: “Simoni mwene Yohana, urankunda?” Aramwishura ati: “Egome, Mwami, urazi ko ndagukunda.” Yesu aramubwira ati: “Ragira intama zanje.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 21:16
18 Referans Kwoze  

Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yayo.


Muragire ubusho bg’Imana bgo muri mwebge, mutaburagira nk’abagōberewe, ariko mubikunze, nk’ukw Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire mushize igikonyo.


Kuko mwari muzimiye nk’intama, ariko noneho mugarutse ku Mwungere w’ubugingo bganyu, ari we nyene abujējwe.


Mumenye yuk’ Uhoraho ari we Mana: Ni we yaturemye, natwe tur’ abiwe, Tur’ abantu biwe, tur’ intama zo mu canya ciwe.


Kukw ari we Mana yacu, Natwe tur’ abantu b’icanya ciwe, tur’ intama zo mu kuboko kwiwe. Uyu musi icompa mukumva ijwi ryiwe!


Imana Nyen’ amahoro, imwe yakūra Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w’intama, imukūjey’ amaraso y’isezerano ry’ibihe bidashira,


Simoni Petero yar’ ahagaze yōta; nuko baramubaza, bati Mbega nawe uri mu bigishwa biwe? Na we arahakana, at’ Oya, sindimwo.


Maz’ iyo ncoreke ikumīra ibaza Petero, iti Mbega nawe uri mu bigishwa b’uyo muntu? Petero at’ Oya, sindimwo.


Kand’ Umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye.


Yongera kubihakana arahira, at’ Uyo muntu sindanamuzi.


amahanga yose azokoranirizwa mu nyonga ziwe, na we azobarobanura, nk’uk’ umwungere arobanura intama mu mpene.


ngo Kandi wewe, Betelehemu mu ntāra ya Yuda, Nturi mutoya mu baganwa ba Yuda, Kuko kuri wewe hazova ūganza, Ni we azoragira abantu banje b’Abisirayeli.


Ikangure, wa nkota we, urwanye umwungere wanje, urwanye umuntu mugenzanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kubita umwungere, intama zisanzare; kandi n’imyagazi nzoyihindurirak’ ukuboko kwanje.


kuko wa Mwagazi ari hagati ahahanganye n’iyo ntebe, azobaragira, kand’ azobashōra ku masōko y’amazi y’ubugingo; kand’ Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.


Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite