Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 21:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Nuko barangije kurya, Yesu abaza Simoni Petero, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urankunda kurusha aba? Na we at’ Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera. Aramubgira, at’ Ahura imyagazi y’intama zanje.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Bahejeje gufungura, Yesu abwira Simoni Petero ati: “Simoni mwene Yohana, urankunda kurusha aba?” Petero aramwishura ati: “Egome, Mwami, urazi ko ndagukunda.” Yesu na we ati: “Gaburira imyagazi y’intama zanje.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 21:15
49 Referans Kwoze  

Twebge abakomeye dukwiye kwihanganira intege nke z’abadakomeye, no kutinezereza.


Twebge tugira urukundo, kukw ari yo yabanje kudukunda.


Azoragira umukuku wiwe nk’umwungere, azoterura imyagazi mu maboko, ayitware mu gikiriza, kand’ izonsa azoziyobora buhoro‐buhoro.


Uwo muramukunda naho mutigeze kumubona; kandi n’ubu, naho mutaramubona, muramwizera, bibatera kunezerwa akanyamuneza k’ubgiza katovugwa,


Ubuntu bg’Imana bubane n’abakunda Umwami wacu Yesu Kristo bose ata bupfunya.


Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yayo.


Uwemera wese yuko Yesu ari Kristo, ni we yavyawe n’Imana; kand’ umuntu wese akunda uwo Muvyeyi, akunda n’uwavyawe na we.


Kuko Data na we ubgiwe abakunda, kuko mwankunze kandi mwizeye ko naturutse ku Mana.


mbahe abungere bameze nk’uk’ umutima wanje ugomba, bazobaragirana ubgenge no gutahura.


Nzoziha umwungere umwe, na we azoziragira, ni we musavyi wanje Dawidi; azoziragira, abe umwungere wazo.


Kuko mwari muzimiye nk’intama, ariko noneho mugarutse ku Mwungere w’ubugingo bganyu, ari we nyene abujējwe.


Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.


ariko wewe nagusengeye ng’ukwizera kwawe ntiguhere. Nawe ni wamara guhinduka, uz’ uremeshe bagenzi bawe.


Imana Nyen’ amahoro, imwe yakūra Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w’intama, imukūjey’ amaraso y’isezerano ry’ibihe bidashira,


Ūdakomeye mu vyizerwa, mumwemere, ariko s’ukumuhāririza ku vy’ akekeranya.


Yesu aramwishura, at’ Ur’ umuhirwe, Simoni mwene Yona, kukw ata w’inyama n’amaraso yabiguhishuriye, ariko ni Data wo mw ijuru.


Kandi nzoshira abungere kuri zo, baziragire: ntizizoba zikigira ubgoba ukundi, canke ngo zihagarike imitima, kandi ntihazotākara n’imwe muri zo, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.


mumere nk’inzoya zivutse vuba, mwifuze amata y’umutima adafunguye, kugira ngw abakuze abashitse ku gakiza;


Kuko muri Kristo Yesu, ar’ ugukebga, ar’ ukudakebga, bitagira ikimazi; ikigira ikimazi n’ukwizera gukoreshwa n’urukundo.


Yesu arababarira, ati Ni muze murye. Ariko mu bigishwa ntihāgira ūtinyuka kumubaza, at’ Uri nde? Kuko bāri bamenye kw’ ar’ Umwami Yesu.


Wa mwigishwa Yesu yakunda abgira Petero, ati N’Umwami Yesu. Simoni Petero yumvise kw ar’ Umwami, akenyera impuzu, kuko yari gusa, araheza yikubita mu kiyaga.


Mwirinde ntimukēngēre n’umwe mur’ aba bana bato: ndababgira yuko mw ijuru abamarayika babo bama barāba mu nyonga ha Data wo mw ijuru. [


kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.


Nuk’ ūdakomeye aba aranduwe no gutahura kwawe, kand’ ari we mwene Data Kristo yapfiriye.


Yesu arababgira, at’ Iy’ Imana iba ari So, muba munkunda, kuko jewe naje mvuye ku Mana; sinaje nitumye, ariko ni yo yantumye.


Maze Petero aramubgira, ati N’iyo vyotsitaza bose, urakūra jeho.


Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubgami.


Yakobo aramwishura, ati Databuja, urazi kw abana batagira intege, kandi kw imikuku n’amasho mfise vyonsa: bobishorera ihutihuti, naho woba umusi umwe gusa, vyopfa vyose.


Ūkunze se canke nyina akabandutisha, ntaba ankwiye: kand’ ūkunze umuhungu wiwe cank’ umukobga wiwe akabandutisha, ntaba ankwiye.


ati Tegēra, Uhoraho we, ni wibuke ingene nagendera mu vy’ukuri imbere yawe n’umutima utunganye, ngakora ivyo ubona kw ari vyiza. Hezekiya ararira cane.


Non’ ikindi jewe Dawidi nokubgira n’iki? kuk’ uzi umusavyi wawe, Mwami Uhoraho.


Petero aramubaza, ati Mugenzi, n’iki kimbuza kugukurikira n’ubu? Erega nzonakwigura.


Amujana kuri Yesu. Yesu aramwitegereza, aramubgira, at’ Uri Simoni mwene Yohana; uzokwitwa Kefa (risobanurwa ngo Petero).


Petero aramubgira, ati N’iyo noba nkwiye gupfana nawe, sinokwihakana. N’abigishwa bose bavuga bartyo.


Maze Petero aramwishura, at’ Ivyawe n’iyo vyotsitaza bose, jeho nta ho bizontsitaza.


Ndazi yuko ni namara kuhava, amabingira y’inkazi azobinjiramwo atababaye umukuku.


Maz’ arambarira, at’ Utu n’ utuzu two gutekamwo, ah’ abasuku bo mu ngoro bazoteka ibimazi abantu bazanye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite