Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 20:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kuko bataribgamenye ivyanditswe yukw akwiye kuzozuka mu bapfuye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 (Gushika ico gihe abigishwa ntibari bwatahure Ivyanditswe bivuga ko Yesu yategerezwa kuzuka mu bapfuye.)

Gade chapit la Kopi




Yohana 20:9
22 Referans Kwoze  

Kuk’ utazoreka ubugingo bganje ngo buje i kuzimu, Kandi ntuzokundira Uwera wawe ngw az’ abore.


Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’ Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose; n’ ubumāramāre bgo ku bantu biwe azobukūra kw isi yose; kuk’ Uhoraho ari we abivuze.


Abapfuye bawe bazoba bazima; imivyimba y’abantu bawe izozuka. Ni mwikangure, muririmbe, yemwe abaryamye mu mukungugu: kukw ikime cawe kimeze nk’igitonda ku vyatsi, kand’ ivu rizogarura abapfuye.


agahambga, akazuka ku musi ugira gatatu, nk’ukw ivyanditswe bivuga;


Mbega Kristo ntiyar’ akwiye kubabazwa artyo ngw abone kuja mu bgiza bgiwe?


Yesu arabishura, ati Mwarazimiye, ko mutāmenye ivyanditswe n’ubushobozi bg’Imana.


Nzobacungura mbakūre mu bubasha bg’i kuzimu; nzobagōmbōra mbakūre mu rupfu: wa rupfu we, ikīza watera kiri hehe? Wa kuzimu we, kwa guhonnya kwawe kuri hehe? Arik’ ukwihana kwabo guhishijwe inyonga zanje.


Nukw amaze kuzurwa mu bāpfuye, abigishwa biwe bibuka yuko yari yaravuze ivyo, bemera icanditswe, na rya jambo Yesu yavuze.


Bayoberwa iryo jambo, kandi bararihishwa ngo ntibarimenye, batinya kurimubaza iry’ ari ryo.


Intege zanje zumye nk’urujo, Ururimi rwanje rufatanye n’ uruhekenyero; Kand’ unshize mu mukungugu w’urupfu.


Arikw Imana yaramuzuye, ibohōye ibise vy’urupfu, kuko bitāshobotse ko rumugumya.


abibasobanurira, amenyekanisha yuko Kristo yar’ uwo kubabazwa, no kuzuka mu bāpfuye: kand’ ati Yesu, uwo mbabgira, ni we Kristo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite