Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 20:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Maz’ imisi munani ishize abigishwa bāri mu nzu ukundi gusha, na Toma bāri kumwe. Yesu araza, inzugi zari zugaye, abahagarara hagati, at’ Amahoro abe muri mwebge.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Haheze indwi, abigishwa ba Yesu basubira gukoranira hamwe mu nzu, kandi na Toma yari kumwe na bo. Imiryango y’inzu yari yugaye, ariko Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!”

Gade chapit la Kopi




Yohana 20:26
14 Referans Kwoze  

Nuko kur’ uwo musi buhwibiriye, ni wo musi wa mbere w’imisi ndwi, inzugi zāri zugaye ah’ abigishwa bari, kubgo gutinya Abayuda, Yesu araza abahagarara hagati, arababgira, at’ Amahoro abe muri mwebge.


Yesu yongera kubabgira, at’ Amahoro abe muri mwebge. Nk’uko Data yantumye ni ko nanje mbatumye.


Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho simbagabira nk’ukw ab’ isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.


Hanyuma y’ayo majambo, hashize imisi nka munani, ajana Petero na Yohana na Yakobo, adūga igisozi, aja gusenga.


Imisi itandatu ishize, Yesu ajana Petero na Yakobo na mwene nyina Yohana, abadūgana igisozi kirekire ari bonyene.


Kukw imisozi izovaho, n’uturambi tuzokūrwaho, arik’ ubuntu bganje ntibuzokuvako, kandi n’isezerano ry’amahoro nagusezeraniye ntirizokūrwaho, ni jewe Uhoraho nkugirira ikigongwe mbivuze.


Uhoraho, uzoturonsa impore, kukw ivyo dukora vyose ari wewe ubidusohoreza.


shiti bokwisunga inkomezi zanje, bakuzura nanje, mbere ni buzure nanje.


Hanyuma yiyereka bamwe cumi n’umwe, bicaye bariko bararya, abagaya ukutizera kwabo no gukomantara kw’imitima yabo, kuko batemereye abāmubonye, amaze kuzuka.


Bariko baravuga ivyo, Yesu ubgiwe ahagarara hagati muri bo, arababgira, at’ Amahoro abe muri mwebge.


Toma ari we Hasa abgira abigishwa bagenzi biwe, ati Ngo tugende, dupfane na Yesu.


Hanyuma y’ivyo Yesu yiyereka abigishwa ukundi gusha, ari ku kiyaga c’i Tiberiya, kand’ uburyo yiyerekanye n’ubu:


Ubgo bgar’ ubugira gatatu Yesu yiyereka abigishwa, amaze kuzuka mu bapfuye.


Kand’ amaze kubabazwa, abiyereka ari muzima atanga ibimenyetso vyinshi, ababonekera imisi mirongwine, avuga ivy’ ubgami bg’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite