Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 20:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Abandi bigishwa baramubgira, bati Twabonye Umwami. Na we arabishura, ati Ni ntabona inkovu z’imambo mu biganza vyiwe, ngo nkoze urutoke rwanje mu nkovu z’imambo, ngo nshire urushi mu rubavu rwiwe, sinemera.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Abandi bigishwa baramubwira bati: “Twabonye Umwami!” Ariko arababwira ati: “Ivyo sinshobora kuvyemera ntiboneye inkovu z’imisumari mu biganza, nkazikozako urutoke rwanje, ngashira n’ikiganza canje mu nkovu yo mu rubavu rwiwe.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 20:25
25 Referans Kwoze  

Nuko baramubaza, bati Non’ ukora ikimenyetso ki, ngo tukirābe tukwizere? Ukora ikimeze gite?


Na bo bumvise kw ari muzima, kandi ko yamwiboneye, ntibāvyemera.


Ni ba nde yarahiye ko batazoshika mu buruhukiro bgayo? S’abatāyumviye?


Bene Data, ni mwirinde, ntihagire uwo muri mwebge agira umutima mubi utizera, umutera kureka Imana nzima.


Wa mwigishwa Yesu yakunda abgira Petero, ati N’Umwami Yesu. Simoni Petero yumvise kw ar’ Umwami, akenyera impuzu, kuko yari gusa, araheza yikubita mu kiyaga.


Uyo abanza kurondera mwene nyina Simoni, aramubgira, ati Twabonye Mesiya (risobanurwa ngo Kristo).


Arababgira, ati Yemwe mwa mburabgenge, imitima yanyu itevye cane kwizera ivyo abāvugishwa n’Imana bāvuze vyose!


bati Yakijije abandi, we ntashobora kwikiza. N’Umwami w’Abisirayeli, ni yīmanure ku musaraba ubu nyene, duheze tumwizere.


Nah’ ivyo vyababayeko, ntibāsība gucumura, Ntibizera ibikorwa vyayo bitangaje.


Naho notakamba, ikitaba, Sinokwizigira ko yokwumviriza ivyanje.


Kukw imbga zinkikije, Umurwi w’inkozi z’ibibi wantaye hagati; Bantoboye ibiganza n’ibirenge.


Na bo nyene baragenda, babibgira abasigaye, maze ntibābemerera na bo.


Hanyuma yiyereka bamwe cumi n’umwe, bicaye bariko bararya, abagaya ukutizera kwabo no gukomantara kw’imitima yabo, kuko batemereye abāmubonye, amaze kuzuka.


Maz’ abgira Toma, ati Zana hano urutoke rwawe, urābe ibiganza vyanje; zana n’urushi, urushire mu rubavu rwanje, nta co uba ūtizera, arik’ ube uwizeye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite