22 Avuze ivyo, abahumekerako, ati Ni mwākīre Mpwemu Yera.
22 Ahejeje kuvuga ivyo, abahumekerako, arababwira ati: “Nimwakire Mpwemu Yera.
Mpwemu w’Imana ni we yandemye, Kand’ uguhumeka kw’Īshobora vyose ni kwo kwampaye ubugingo.
Uhoraho Imana abumba umuntu mu mukungugu wo hasi, amuhumekera mu mazuru impwemu y’ubugingo; umuntu aca aba ūfise ubugingo.
Arababaza, ati Mbega mwarahawe Mpwemu Yera igihe mwizera? Baramwishura, bati Ntitwaribganavyumve yuko Mpwemu Yera yatanzwe.
na bo bamanutseyo barabasengera ngo bahabge Mpwemu Yera;
Petero arabishura, ati Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo Mpwemu Yera.
Maz’ arambarira, ati Vugira ku muyaga, vuga, mwana w’umuntu, ubarire umuyaga, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ngwino muve ku miyaga ine, mwa mpwemu, muhumekere kur’ abo bishwe, babe bazima.
Ijambo ry’Uhoraho ni ryo ryāremye ijuru, Impwemu zo mu kanwa kiwe ni zo zāremye ingabo zose zo kuri ryo.
Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.
Arikw ivyo yabivuze kuri Mpwemu, uwo abamwizera bāgira bahabge; kuko Mpwemu ataribgatangwe, kuko Yesu ataribgashike mu bgiza bgiwe.
Iki conyene ni co ngomba ko mumbgira: mbega Mpwemu mwamuronkeshejwe n’ibikorwa vy’ivyagezwe, canke n’ukwumva gufatanije n’ukwizera?
Nuko Petero, yuzuye Mpwemu Yera, arababarira, ati Yemwe bashingantahe b’abantu n’abakuru,
ati Mbega har’ uwoshobora kwima amazi abahawe Mpwemu Yera nkatwe, ngo ntibabatizwe?
Arik’ Umwitsa ah’ azozira, uwo nzobarungikira ava kuri Data, ni we Mpwemu w’ukuri akomoka kuri Data, uwo ni we azonshingira intahe,
nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw az’ abane namwe ibihe bidashira,
Ariko jewe ndababgira ukuri: Ikizogira ico kibamarira, n’uko jewe ngenda; kuko ni ntagenda, Umwitsa ntazoza kuri mwebge: ariko ni nagenda nzomubarungikira.
Yesu yongera kubabgira, at’ Amahoro abe muri mwebge. Nk’uko Data yantumye ni ko nanje mbatumye.
Kand’ abo muzoharira ivyaha bose, bazoba babihariwe; arikw abo mutazobiharira bose, ntibazoba babihariwe.